Uburundi bufata imfashanyo y'Ubufaransa y'indogobwe nk'igitutsi

Umupfasoni ashoreye indogobwe Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Indogobwe ntizisanzwe zimenyerewe mu Burundi

Umwe mu bahanuzi b'umukuru w'igihugu c'Uburundi Pierre Nkurunziza yavuze ko imfashanyo y'indogobwe cumi y'Ubufaransa ku banyagihugu bo mu ntara ya Gitega ari "nk'igitutsi ku Burundi", nk'uko vyandikwa na AFP.

Ubushikirangani bw'uburimyi n'ubworozi bwategetse ko ivyo bikoko, vyari vyaje biva mu gihugu kibanyi ca Tanzania, mu mugambi w'ishirahamwe risanzwe rifasha abakenyezi n'abana, kugira bifashe mu gutwara ibintu bikenewe mu burimyi, gusenya no kuvoma, ko bishirwa mu kibanza ca vyonyene.

Umushikiranganji w'uburimyi n'ubworozi Deo Guide Rurema yasavye abategetsi bo mu nzego zo hasi "gufasha mu gukura izo ndogibwa zose mu banyagihugu zari zatanzwe zidakurikije amategeko yo gutanga ibikoko".

Gabby Bugaga, umuvugizi w'umukuru w'inama nkenguzamateka, yanditse kuri Twitter ko Ubufaransa "budufata nk'indogobwe".

"Tuvuganye ukuri, indogobwa isigura ikintu ciza - canke kibi? ni ko yanditse.

Ni igiki catumye Uburundi butitaba ibikogwa vyo gutanguza isoko rusangi rya Afrika?

Uburundi bwavavanuye na sentare mpuzamakungu CPI

Uwuserukira Ubufaransa mu Burundi, Laurent Delahouse yari yashimagije uwo mugambi wo gutanga ivyo bikoko avyita "imodoka yo mu bwoko bwa Land Cruiser mu bikoko vyose".

Yashimagije uwo mugambi avuga ko "amategeko yose yakurikijwe", anadoma urutoke ku wundi mugambi nk'uwo wafashwe mu mugongo n'Ububiligi mu ntara ya Ruyigi iri mu buseruko bw'Uburundi, ariko utanebaguwe nk'uyu.

AFP ivugako, umwe mu baserukira ibihugu vya Buraya atashatse ko izina ryiwe rimenyekana, yavuze ko Uburundi buriko burihimura ku Bufaransa kubera ivyo bwashikirije ku matora yokwemeza canke guhakana ibwirizwa shingiro, riha uburenganzira prezida Pierre Nkurunziza gusubira kwitoza akaguma ku butegetsi gushika mu 2034.

Ibindi bisa n’ibi