Kongo igiye gutwarwa na Kabila canke n'wundi ataramenyekana

Akazu k'amatora Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Kongo, amatora yitezwe itariki ya 23 z'ukw'icumi na Kabiri 2018

Mur'ivyo vyijiji ku wugiye kuzokwitoza nk'umukuru w'igihugu mu mugambwe uri ku butegetsi, umushikiranganji Mende, yavuze ko Perezida Kabira abwirizwa kugumana uruhara rukomeye mu buzima bwa politike bw'igihugu.

Perezida Joseph Kabila agiye kugena uwuzoserukira umugambwe wiwe mu matora ari imbere y'umukuru w'igihugu ca Leta iharanira demokarasi ya Kongo.

Ariko ibiharuro ni vyinshi. Hari n'abikeka ko ashobora no guhindura ibwirizwa nshingiro canke akariha insiguro zimuha uburenganzira bwo gusubira kwitoza nk'umukuru w'igihugu.

Lambert Mende, umuvugizi wa leta ya Kongo, yatanze ikiganiro ku bamenyesha makuru.

Ni naho yakuriye inkoni ku gashitsi abakididinganya, avuga ko Perezida Kabira abwirizwa kugumana uruhara rukomeye mu buzima bwa politike bw'ighugu.

Mu matora yaheruka mu 2011, isubirwa mwo ry'ingingo y'ibwirizwa nshingiro, ryahinduye amatora y'umukuru w'igihugu:

ryayakuye kw'ihiganwa mu bihe bibiri, riyashira ku ncuro imwe gusa.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Kinshasa, imyiyerekano y'abasaba Perezida Kabira gutanga ubutegetsi, mu kwa mbere 21, 2018

Ubu rero, ku ba nye politike i Kinshasa, urukurukuru rweze n'uko Kabira avurwa ko amaze gutorerwa ikiringo kimwe gusa hisunzwe iyo ngingo yasubiwe mwo mw'ibwirizwa nshingiro.

Umushikiranganji Mende, ivyo bibazo ntiyavyishuye neza.

Yashimikiye kukuvuga ko, : "mugihe c'amatora, Joseph Kabila niwe azoba ari indongozi y'uruhande rwa benshi, rw'umukuru w'igihugu".

Lambert Mende yongeye ati, "Kandi kubera dushaka gutsinda, n'inyuma y'amatora, Josefu Kabila niwe azoba ari indongozi yarwo".

Ku bagifise amakenga, Lambert Mende yabasiguriye ati, "Ndazi ko hari abo bishobora kubabaza, ariko ni uko bizogenda ku bwacu.

Simbona aho biteye kubiri n'ibwirizwa nshingiro".

Perezida Kabira ari ku butegetsi kuva mu 2001.

Ibiringo vyiwe bibiri yari kuba yabirangije mu 2016.

Ariko hari ingingo yo mw'ibwirizwa nshingiro yamuhaye ububasha bwo kuguma ku butegetsi gushika habaye ayandi matora, ategekanijwe mu kwezi kwa 12, 2018