Ibisasu vy'abiyahuzi muri Niger vyishe 9 benshi barakomereka

Isanamu yafatiwe kuri television y'abasirikare ba Boko Haram mu 2010 Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Nta mugwi uremanga ko wagavye ico gitero, ariko Boko Haram iramaze kugaba ibiro vyinshi i Daffa

Abantu bashika icenda bishwe abandi benshi barakomereka igihe haturika ibisasu bitatu vy'abiyahuzi mu muji wa Daffa, mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Niger.

Uwo muji kandi wegeranye cane n'urubibe rw'igihugu kibanyi ca Nigeria.

Babiri muri abo biyahuzi bari abagore bakiri bato, bakaba bagavye igitero ku bibanza birimwo n'ishure rya Korowani.

Naho ata mugwi n'umwe uriyitirira ico gigero, umugwi w'abarwanyi ba ki Islam, Boko Haram, uramaze kugaba ibitero i Daffa akatari gake.

Ariko ako karere kari kamaze amezi menshi gatekanye, gushika ibi bitero bigabwe ku mugoroba w'ejo kuwa mbere.

Ibindi bisa n’ibi