Umugambwe CNDD-FDD urafise izindi ndongozi zotwara igihugu.

Burundi, CNDD-FDD Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Evariste Ndayishimiye mu kiganiro yahaye abamenyesha makuru

Umugambwe umenyesheje ko ugiye kurondera uwuzo wuserukira, asubirira Perezida Petero Nkurunziza, mu kibanza c'umukuru w'igihugu, mu matora yo mu 2020.

Bwana Evariste Ndayishimiye arongoye umugambwe CNDD-FDD, yavuze ko Perezida Nkurunziza yakurikije ivy'intwaro ya demokarasi mu kumenyesha ko atazosubira kwitoza.

Ku bwiwe, "Umuntu yavuze ati, sinitoza, none wumva usubira kwitoza bigenze gute"?

Ivyo Perezida Nkurunziza yashikirije bisigura, kuri Evariste Ndayishimiye, kuzana amaraso mashasha mu burongozi bw'igihugu.

Evariste Ndayishimiye abwira abanya mugambwe ati, "Turondere uwundi asa na Petero Nkurunziza, hamwe abarundi n'amakungu bazovuga bati, harabonetse uwuza kubandanya intambwe yaragezeko."

Kubiyumva mwo Petero Nkurunziza kurusha, abasaba ko botahura.

Ati ntibomubohera ku butegetsi

"kuko abanyamugambwe bafise akaranga mutima, banazi imigabo n'imigambi y'umugambwe, batabuze".

Yibutsa ko uwuzotorwa adakora imigambi yiwe.

Kandi ko amatora atazosiba mu 2020.

Naho ikiranga minsi c'ikoraniro kaminuza ry'umugambwe rizogena umu kandida wa CNDD-FDD,

umukuru w'umugambwe CNDD-FDD avuga ati "haracasigaye umwanya kugira dukorane, hatorwe uwuzoserukira umugambwe mw'ihiganwa n'abandi ba kandida".

Italiki 7 z'ukwa gatandatu 2018, niho Perezida yashira umukono kw'ibwirizwa nshingiro ryatowe italiki 17 z'ukwa gatanu.

Mu birori vy'uwo munsi, niho yashikiriza ko atazokwitoza mu matora y'umukuru w'igihugu yo mu 2020.