Uganda: aba polisi bakuru bakuru 3500 baranyitse

Igipolisi co mu Buganda Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Aba polisi baheba ako kazi bakaja kwikorera canke gukorera abikorera utwabo

Kuva kuwa mbere, urwego rw'igi polisi ruriko ruraharura aba polisi bo kurwego rwo hejuru bose, igihugu gifise.

Imvo yabaye amakuru avuga ko aba polisi bakuru bakuru barenga 3 000 batazwi irengero.

Andrew Agaba, umu menyesha makuru w'umuganda yamenyesheje BBC ko, icegeranyo ca mbere cemeza ko aba polisi bakuru bakuru bikuye mu gipolisi, kandi ko ata n'uwuzi iyo bari.

Ibi bitigiri biharurwa kuva mu myaka itatu iheze.

Ibisata vyakozwe ko n'ico kibazo, ni nk'igipolisi kirwanya itera bwoba, abarwanya amabi afatiye ku bwenge bukomeye canke abari mu banonosoye ivyo gutwara indege.

Okoth Ochola, umugenduzi mukuru w'igipolisi, yasubiriye General Kale Kayihura, niwe yategetse ico gikorwa.

Aho hari mu kwa kane kw'uyu mwaka.

Mu biharuro biriho, Andrew yabwiye BBC ko Uganda iharura aba polisi bakuru bakuru barenga gatoyi 40 000.

Imvo nyamukuru ziri inyuma y'ico kibazo.

Abo bapolisi bahitamwo kuja kwikorera utwabo.

Igitera ubwo bukene ni nk'imishahara mito.

Andrew yabwiye BBC ko, mu Buganda, ''Bigoye kumenya ko abo bapolisi banaronswa imishahara yabo. Ikizwi n'uko n'iyo iyo mishahara ibonetse ishika itevye".

Kuva igipolisi gihinduye umugenduzi mukuru, carinjije abandi ba polisi bakuru.

Igi polisi kijejwe gukinga amabi, nico cashizwe imbere.

Imvo za politike?

Andrew Agaba ati,''Ko hoba hari imvo za politike ziri inyuma y'ico kibazo, nta vyemezo bihari''.

Ku bibazo vy'ubukene, mu ntango z'ukwa gatandatu, Prezida Museveni yarakoranije abajejwe umutekano muri rusangi.

Yabahanuye ati ''Nituje murudandazwa, twikore ku burimyi. Ntimwihende ngo mugurishe utwanyu. Ariko murashobora gukorera hamwe, maze inyungu zikaba arizo mugabura".

Yongeye ati, ''Abashaka ko mva ku butegetsi, jewe naho nogenda, ibibazo bizohaguma, hamwe mwoja kubiri n'izi mpanuro''.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Museveni yibutsa abajejwe umutekano ko batobaho abo bawucungereye badatekaniwe

Museveni yongeye kandi ati, ''Ni mutakora ico mujejwe, ngo murwanye ubukozi bw'ikibi, ntibazokora ngo bishure amakori. Namwe nta mahera yo kubahemba azoboneka''.

Mu ntango z'ukwa gatandatu, umushingamateka Ibrahim Abiringa yaragandaguwe.

Ku maziko yiwe, Prezida Museveni yavugiye ahabona, ko leta yinjiye mu ndwano n'uwo wese ashaka guhungabanya umutekano.

Mu ndwi yakurikiye, niho General Kale Kayihura.

Uyu yahoze ari umuyobozi mukuru w'igipolisi c'umutekano wo mu gihugu.

Ibimwagira bitarashirwa ahabona.

Mu 2015, igipolisi carashize ahabona amazina y'abashika kuri 37 bagirizwa kuba bikuye mu gipolisi batabisavye.

Abo ba polisi bafashwe, baciriwe urubanza na sentare y'indero mu nzego z'umutekano.