'Messi asa n'uwutameze neza, bikaba biteye umutima uhagaze'

Lionel Messi
Insiguro y'isanamu,

Lionel Messi yaboneka nk'uwutameze neza imbere y'urukino rwabahuje na Croatia

Aho nabona Messi anezerewe hari igihe twakinana mu mugwi nserukiragihugu wa Argentine mu 2012 - yatsinze ibitego bitatu Brezil i New York, hanyuma akina urukino rwose yidegemvya kandi aguma amwenyura.

Uko yagaragara mu rukino rwabahuje na Croatia ku musi wa kane vyari bitandukanye n'ico gihe.

Kubona Leo atameze neza kandi atanezerewe muri iki gikombe c'isi birateye umutima uhagaze.

Ni umugenzi kandi twahoze dukinana kandi vyukuri ndamwumvira ikigongwe. Ntibisanzwe kumubona ameze gutyo, ariko ni ikimenyetso c'ivyo yariko ariyumvira.

Mu bihe nk'ibi, amaso yose aba amuhanze bamwitezeko ibitangaza, na we aba ashaka gukora ivyo ashoboye ku gihugu ciwe.

Sinatangajwe n'ingene yababajwe n'ingene twatsinzwe bimwe bigayitse. Nk'umukinyi ubwanje, ndazi ko iyo ugiye mu rukino hanyuma ntirukunezere, biragoye ko ushobora gukina neza.

Ntivyavuye kuri Leo gusa, rwabaye urukino rubi rw'umugwi wose. Turafise Imana ko tugifise amahigwe yo kubandanya ihiganwa mu gutsinda Nigeria ku musi wa kabiri - ariko sinizeye neza ko bikunda.

Dutegerezwa gukina neza gusumba uko twabikoze mu nkino zibiri ziheze, twerekane urukino rwiza n'ishaka.

Umupira w'amaguru ukinwa na bose kandi umwe wese akenera gukora uko ashoboye - si Messi gusa.

Ubu umumenyereza wa Argentine Jorge Sampaoli ategerezwa gushiramwo abakinyi nyabo hanyuma bakurikize uko urukino rwateguwe.