Imirwi ya Afrika yanditse amateka mu gikombe c'isi ca 2018

Nigeria, World Cup 2018

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Nigeria wotsinda Argentina ya Messi?

Umirwi wa Maroc n'uwa Misiri yakinye inkino zayo zanyuma ku wa mbere. Iyo mirwi yaraye ihejeje urugendo rwayo, ariko irinjiye mu rutonde rw'imirwi rurangiranwa. Ni ayaye mahirwe kuri Nigeria, mu rukino rwayo na Argentine?

Ivyo Misiri isigiye abakunzi b'umupira w'amaguru.

Essam El Hadary, asamira umurwi wa Misiri, uwo munsi ntiwamworoheye.

Yabaye rurangiranwa nk'umukinyi arusha imyaka abandi mu nkino z'igikombe z'isi zimaze kuba.

Ikindi kitamworoheye kwakira, ni ingene umurwi wiwe watsinzwe incuro zitatu mu nkino zitatu nyene wakinye.

Imbere y'urukino rwo kuwa mbere, umunye gori wa Misiri, El Hadary akwije imyaka 45, yari yidondoye avuga ko ariwe 'muntu wa mbere ahimbawe mw'isi'.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Umurwi wa Misiri witwa "The Phalaons"

Aho hari igihe yari amenyekanye nk'umukinyi akuriye abandi mur'izi nkino ziriko zibera mu Burusiya.

Yarahimbawe kurusha, aho ahagarikiye igitero ca penaliti c'abanye Arabiya Sawudite, mu rukino rwabahurije i Volgograd.

Ariko uyu mugabo anakuze kuruta aba menyereza bashika batatu mur'izi nkino, yacikiye inkokora aho umurwi wiwe utsindiwe igitsindo ca kabiri.

Arabiya Sawudite iba irabarushije, ku munota wa 95.

Kubona Misiri yahejeje ari iyanyuma mu murwi irimwo, ntivyashimishije abakunzi bawo.

Umwe mu bakunzi b'uwo murwi yabwiye BBC ati : " Sinibaza ko indingozi za Misiri bazogira amatohoza kuvyabereye mu Burusiya.

Ariko ntidushimishijwe na gato n'ingene inkino zakinywe".

Uwundi yongeye ati, "Ntitwakinye neza na gato. Vyaragaragara ko tutari dukwiye gutsinda n'urukino na rumwe muri zirya zitatu.

Umurwi wacu waraduteje isoni".

Ibikuru vyaranze umurwi "Atlas Lions" wa Maroc

Maroc, wowo, mu rukino rwa nyuma rwabereye i Kaliningrad, usa n'uwishimiye ko wanganije na Espanye, 2-2.

Wari watsinzwe inkino zibiri z'imbere.

Uwo murwi wa Maroc, witwa "Atlas Lions", niwo wari imbere mu minota 90 ya mbere.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Ubuhinga bushasha -VAR- bw'abahagarikizi bwaragize uruhara mu rukino Espagne yatsinze Maroc

Iago Aspas niwe yakuye mu kabarerwa umurwi wa Espagne, nk'uko yari yabikoze mu gikombe c'isi co mu 2010.

Ico gihe, Espagne yari yanihaye ikibanza ca mbere mu murwi B.

Yarasatiriye incuro zigera kuri zitandatu umurwi wa Maroc, mur'iki gikombe c'isi kibera mu Burusiya.

Naho Maroc watsinzwe, waranezereje gose abakunzi b'umupira w'amaguru mu nkino werekanye.

Ntawuzi uko vyari kugenda iyo Maroc iba yari mu wundi murwi.

N'imiburiburi, 'Atlas Lions' batahanye amanota, ndetse n'ibitsindo, ubwa mbere mu rukino rw'igikombe c'isi, mu myaka 20 iheze.

Icizere c'umurwi wa Nigeria, umwe mu mirwi ya Afrika isigaye mw'ihiganwa

Uru rukino rwa Nigeria rwo kuwa Kabiri, rurashobora kuba icizere ku ba ny'Afrika, ko Nigeriya itsinda Argentina, mu rukino rwanyuma rw'umurwi D.

Vyonashoboka ko ruba n'urukino rwa nyuma mu gikombe c'isi yose kuri Lionel Messi.

Ariko Gernot Rohr, umuhagarikizi wa Nigeria, nta kibanza kinini ashaka guha intsinzi ya Argentina.

Yavuze ati : " Turakunda cane uyu mukinyi Messi, haba jewe ubwanje canke abo um murwii wanje. Ikibazo si uko rwoba urukino rwiwe rwa nyuma. Ikituraje ishinga n'uko twebwe dutsinda, tukabandanya."

Uwo mumenyereza yongeye ati, "Tubwirizwa gushira imbere no gukingira idarapo ya Nigeria. Murabizi, um nkino nk'izi, nta kigongwe."

Argentina ibwirizwa gutsinda uru rukino kugira ishike mu cicaro gishira icanyuma .

Ariko hari abihweza ibintu n'ibindi babona ko uwo murwi ufise ibibazo vyo kwitunganya ku kibuga.

Aho niho hahagaze icizere c'umurwi wa Nigeria.