Urubanza rwa Katumbi rwatanguye muri RDC

Haheze imyaka ibiri Moise Katumbi aba mu buhungiro. Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Haheze imyaka ibiri Moise Katumbi aba mu buhungiro.

Urubanza rw'umwe mu bakuru b'abatavuga rumwe na reta muri RD Congo, Moise Katumbi, aho yagirizwa kuzana abacancuro mu 2015 rwatanguye.

Katumbi n'abandi bantu batandatu harimwo n'umunyamerika umwe, bagirizwa icaha co gushaka guhungabanya umutekano w'igihugu.

Uwo mugwizatunga yahoze arongoye intara ya Katanga ariko aracibwa urubanza adahari. Haheze imyaka ibiri aba mu buhungiro.

Katumbi yabwiye BBC ku wa kabiri ko ashaka kuzosubira muri RD Congo mu mezi abiri ari imbere kwiyandikisha mu matora y'umukuru w'igihugu ategekanijwe mu kwezi kwa cumi na kabiri.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Bwana Katumbi yahoze arongoye intara ya Katanga ariko aracibwa urubanza adahari

Uwo mugwizatunga afise umugwi w'umupira w'amaguru wa TP Mazembe, afise izindi manza nyinshi aregwamwo ivyaha muri ico gihugu.

Yaheruka gufatirwa akanya gato ku kibuga c'indege i Bruxelles bivuye ku kibazo c'igitabo c'inzira ciwe.

Katumbi mu nyuma yavuze ko abategetsi ba Congo bahagaritse ico gitabo ciwe.

Ku musi wa mbere, umugwi w'abashingamateka 50 barandikiye ikete prezida Joseph Kabira bamusaba guhagarika ico bise gukubagura hakoreshejwe ubutungane Katumbi.