Amakompanyi ya telefone muri Uganda yiteguye gutoza amakori kuri WhatsApp

Iryo tegeko rizotangura kuja mu ngiro itariki imwe y'ukwezi kw'indwi Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Iryo tegeko rizotangura kuja mu ngiro itariki imwe y'ukwezi kw'indwi

Amakompanyi atatu y'amatelefone muri Uganda yasohoreye hamwe itangazo rifasha abanywanyi bayo gukurikiza itegeko ritangisha amakori kuri whatApp rizotangura kuja mu bikorwa itariki imwe z'ukwezi kw'indwi.

Airtel, MTN na Africell yerekanye amahera yotangwa bri musi, ku ndwi no ku kwezi bongera baranerekana n'ingene yorihwa.

Abashingamateka bo muri Uganda baremeje itegeko ritangisha ayo makori ryateye impari nyinshi inyuma y'aho prezida Yoweri Museveni avugiye ko imbuga ngurukanabumenyi zikwiragiza ibihuha.

Abantu bakoresha imbuga ngurukanabumenyi nka Facebook, WhatApp, Viber na Twitter bazotegerezwa kuriha buri musi amashilingi 200 (0.05$).

Iri ni ryo tangazo ryasohowe n'ayo mashiramwe:

Uwufise ububasha kw’isanamu Airtel/MTN/Africell

Ibindi bisa n’ibi