Intahemuka za Ousama Ben Laden zirabandanya guhirwa

Al qaeda Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Uwupfunzwe yagirizwa ibikorwa vy'iterabwoba avugana n'abamuburanira

Abategetsi mu Budagi birukanye umugabo aturuka muri Tunisia azwi gusa nka Sami A. avuga ko yari uwucungera ubuzima bwa Bin Laden.

Uwo Sami A. yigishirijwe mw'ikambi ya Al Qaeda muri Afghanistan mu 1999 na 2000.

Yari amaze imyaka irenga 20 aba mu Budagi.

Yafatwa nk'umuntu abangamiye umutekano kubera imigenderanire afitaniye n'imigwi y'intagondwa z'aba Islam.

Ariko abategetsi bo muri sentare aho mu Budagi baciye urubanza rwo kwanka iyo ngingo.

Ibimenyeshamakuru mu Budagi vyamutaziye ''Uwacungereye umutekano wa Bin Laden''.

Ariko Sami A. ntiyasubijwe mu gihugu ca Tuniziya kubera ubutungane bw'ubudagi bwasanze yarasinzikarijwe ubuzima ikiri muri ico gihugu.

Ariko mumezi yaheze benshi mu banyepolitike n'abagira ico bashikiriza ku binyamakuru bari basavye ko yokurwa mu budagi.

Ico cikeko cakomeye habonetse amaraporo yerekana ko yinjiza amadolari 1400 kukwezi yokubaho ari mu budagi.

Ku musi wa 5 mugitondo bamwurije indege bamusubiza muri Tuniziya.

Haheze akanya ubushikiranganji bwo hagati mu gihugu bwamenyesheje ko yirukanywe mu gihe ubutungane bw'ubudagi bubandanya urubanza rwo kwiyamiriza ko yo kwirukanwa.