Onu yafatiye ibihano Sudani y'epfo

Prezida Salva Kiir Uwufise ububasha kw’isanamu Google

Akanama ka Onu kajejwe umutekano kw'isi kafashe ibihano vyo kubuza Sudani y'epfo kugura ibigwanisho no ku bategetsi babiri bakomeye ba gisirikare.

Ibihugu icenga vgetyashigikiye iyi ngingo yashikirijwe na Amerika, Uburusiya, Ubushinwa n'ibindi bihugu bine nta co vyashimye kuyivugako.

Uwuserukira Amerika muri Onu Nikki Haley yabwiye ako kanama ko gushigikira ibihano mu vyagisirikare bizotanga ubutumwa ku bategetsi ba Sudani y'epfo ko "duhaze intambara y'urudaca".

Yongeyeko ati:"Hari ibigwanisho imihari yitwaje ibigwanisho ikoresha mu kurasa abagabo imbere y'abana n'abagore babo, mu gutegera imfashanyo z'ibifungurwa, canke mu gukorera amabi abapfasoni n'abigeme."

Perezida wa Sudani y'epfo yongerewe manda

Trump arahatira Kenya gufata imitungo ya Sudani y'epfo

Salva Kiir na Riek Machar bemeye gusangira ubutegetsi

Ntibishobora gukina mu cuma cawe
Aba nye Sudani y'epfo bashika i Miliyoni 4 nibo bahunze igihugu cabo.

Igihugu ca Sudani y'epfo caronse intahe yo kwikukira mu 2011, kikaba kikiri mu ntambara imaze guhitana abantu ibihumbi n'ibihumbi abandi barenga imiliyoni 4,5 bata izabo.

Utwigoro tudaharurwa two kugarukana amahoro nta co twashitseko.

Amasezerano aheruka yo guhagarika intambara hagati ya prezida Salva Kiir n'uwahoze ari icegera ciwe Riek Machar aza yaramaze kurengwako.

Ibindi bisa n’ibi