Trump na Putine bahuriye i Helsinki

Trump, Putin, Helsinki Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ba Perezida Trump na Putin bipfuza kutabandanya barabana ribi muri politike mpuza makungu.

Leta zunze ubumwe za Amerika hamwe n'Uburusiya vyiyemeje ko uyu mubonano w'uno munsi ari intango yo gutorera hamwe umuti ibibatandukanya n'ibindi bibazo biri mw'isi.

Prezida Putin yavuze ko ibihe vya vuba bitoroshe mu migenderanire hagati y'uburusiya na leta zunze ubumwe za Amerika.

Trump yavuze ati, "imigenderanire ntiyari bwigere iba mibi kuruta uko biri ubu".

Yongeye ati "Ibintu vyahindutse mu masaha ane aheze, kandi iciza n'uko abantu bemera kwicara bakavugana no kuvyo badahuriza ko".

Indwano ya Syria, gucungera ibigwanisho, inyifato ya Iran na Koreya ya ruguru, vyose vyari ku rutonde ry'ivyo bavugana.

Trump yavuze ko yazanye ikibazo c'Uburusiya co kwisuka mu bibazo vy'imbere muri leta zunze ubumwe za Amerika, ngo bakiganire.

Prezida Putin we yemeza ko Uburusiya butigeze bwisuka mu kibazo na kimwe cerekeye amatora muri Amerika.

Ku vyerekeye Koreya , umukuru w'Uburusiya yakeje mugenzi wa Amerika.

Kuri we, Prezida Trump yatanguye gutorera inyishu ikibazo c'ico gihugu.

Ati, ingendo yo hukoresha ibiganiro aho gukoresha gutana mu mitwe, niyo ishika.