Perezida Joseph Kabila yashize itunganya rishasha rya gisirikare mw'itegurwa ry'amatora

Kabila, Mende, General Numbi, Chebeya, RDC Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Bamwe mu bagirijwe igandagurwa rya Floribert Chebeya bari imbere y'abacamanza (2015)

Iri hinduka mu gihe c'itegurwa ry'amatorwa rivurwa ko bike ugereranije n'igarukanwa rya General John Numbi Tambo Banza mu nzego nkuru z'umutekano.

Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu yiyamirije igarukanwa rya General John Numbi.

Yagenywe kuba umugenduzi mukuru wa gisirikare.

General Numbi yarongoye igipolisi ca Kongo kuva mu 2007 gushika mu 2010.

Yakuwe mur'ayo mabanga inyuma y'igandagurwa rya Floribert Chebeya, umwe mu ndongozi z'abaharanira agateka ka zina muntu muri Kongo.

Yagandaguriwe mu kigo c'ibiro bikuru vy'igipolisi.

Umuvugizi wa leta, Mende abona ko General Numbi ubu yera:

'' Sentare niyo yerekana ko kanaka ariwe munya caha...''

Lambert Mende yasiguriye BBC ati, '' Uko biri rero, urwego rw'ubucamanza muri Kongo nta caha bwagirije General Numbi.''

Kuri Lambert Mende, ''Kuvurwa mu rubanza ntibivuga ko uba uri umunyacaha''.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption General Numbi (ibumoso) yaraye agarukanywe mu nzego nkuru z'umutekano wa Kongo

General Numbi kandi ari mu bakuru batandukanye bafatiwe ibihano n'ibihugu nka Amerika, ubumwe bw'ibihugu vya bulaya hamwe n'Ubuswise.

Ubwicanyi n'ayandi makosa ya gisirikare nivyo bamwagiriza.

Umuvugizi wa leta, Lambert Mende nt'abiteba ko :

''Haba muri Kongo, muri Amerika, muri Senegal, umucamanza niwe wenyene afise ububasha bwo kwemeza ko umuntu yakoze icaha.''

Abandi Perezida Kabira yagenye ni nka Celestin Mbala, afise ipete rya Lieutenant General. Yagizwe umukuru w'igisirikare ca Kongo.

Uwundi ni Gabriel Amisi w'ipete rya Major General, yajejwe abakozi, ibikorwa n'igendereza mu gisirikare.

Nawe nyene ari mu bihano vy'ivyo bihugu rutura, bimwagiriza ahanini igurishwa ry'ibirwanisho ku mirwi y'abarwanyi.

Ni urwego rwa kabiri rukomeye mu gisirikare ca Kongo.

Iri genwa ribaye mu mwiteguro w'amatora y'umukuru w'igihugu ategekanijwe kuwa 23 z'ukwa cumi na kabiri.