Obama mu birori vyo kwibuka imyaka 100 y'amavuka ya Mandela

Satde Wanderers Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ikibuga ca Wanderers aho Obama yatangiye ikiganiro

Barack Obama yahoze ayoboye Leta zunze Ubumwe za Amerika, yatanze ikiganiro kuri Nelson Mandela mu gihe buca hibukwa imyaka ijana y'amavuko y' iyo mboneza yagwanije apartheid.

Abarenga ibiihumbi 15 bari baje ku kibuga ca cricket ca Wanderers kwumviriza amateka y'uwo yatanguje urugamba rwo kurwanya intwaro ya karyanishamiryango -apartheid.

Imbere y'ico kiganiro ca Obama, abandi banyacubahiro barimwo umukuru w'igihugu Cyril Ramaphosa, bashimye iragi rya Mandela.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Perezida Cyril Ramaphosa na Barack Obama

Bwana Ramaphosa, yavuze ko Mandela yari umuyobozi mwiza, yabereye akarorero benshi kandi azokomeza kubera icitegererezo n'abandi muri kazoza uko urunganwe ruzogenda rukurikirana.

Bwana Ramaphosa yanashimye kandi Barack Obama, avuga ko nka Mandela, nawe nyene ari icitegererezo kuri buri muntu wese ariko arakora canke yifuza guhindura isi.

Umukuru w'ikigo citiriwe Mandela, Njabulo Ndebele, yavuze ko ikiganiro c'uno munsi kuri Mandela cabaye ica mbere gikomeye mu bimaze gutangwa.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Nelson Mandela, yari perezida wa mbere w'umwirabure muri Afrika y'epfo

Nelson Mandela yatanguje urugamba rwo kurwanya Apartheid muri Afrika y'epfo kuva mu 1961, aja mu biganiro imyuma y'imyaka irenga 40, arateba ashikana igihugu ku butegetsi bushingiye ku ntwaro rusangi.

Barack Obama yarangije ijambo ryiwe asubiramwo amajambo ya Nelson Mandela, aho yavuze ati:

Barack Obama yavuze ko kugeza n'ubu ikibazo c'amacakubiri afatiye ku rukoba kikiri ingorane, kandi hacibonekeza n'ikimanga hagati y'abakire n'abakene.

Yavuze ko igihe co kuva mu mvuto ca Nelson mandela mu 1990 cahaye icizere abantu, gituma abari bafise imitima yuzuye urwanko bategwa n'ubwoba.

Ariko rero ngo ibihe vy'abanyapolitike bakomeye bisa n'ibiriko birarengana, ngo nk' uko abantu bavuga demokarasi mu myaka ya 1990s ubu niko bavuga ko iriko irahera.

Gusa ngo abantu ntibakwiye kuvyemera, kuko habaye ibihe bibi gusumba ivyo isi irimwo kino gihe, kandi Mendeka ariwe karorero kuri ivyo.

Ati uburyo ubutunzi butunganije muri kino gihe vyatumye haba ibiturire vyinshi , kandi abarwizatunga bagira ububasha bwinshi ku ngingo zifatwa muri politike.

Obama mu kurangiza yabwiye isinzi ry'abari ngaho ati: twibukanye ukuri, tugufate nk'inyenyeri itumurikira, kugirango mu mayaka 100 iri imbere, urugnganwe ruzodukurikira ruzobone ko rwakomeje urugendo rwa Mandela'.