Umukinyi w'imbere wa Manchester United, Alexis Sanchez yankiwe kwinjira muri Amerika

Alexis Sanchez Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Sanchez (i buryo) ari mu myimenyerezo n'abandi bakinyi i Carrington mu ndwi iheze.

Alexis Sanchez ntiyajanye n'abandi bakinyi ba Manchester United muri Amerika inyuma yo kwimwa uruhusha rwo kwinjira muri ico gihugu.

Uwo mukinyi w'imbere wo mu gihugu ca Chili yaremeye igihano yahawe co gupfungwa amezi 16 ariko kitaciye gishirwa mu ngiro mu kwezi kwa kabiri kubera ivyo yagirizwa vyo kutariha amakori mu gihugu ca Esagne.

Mu mategeko ya Amerika umuntu yagiriwe n'ikosa ry'ubusuma mu kudatanga amakori ntashobora kuronka uburenganzira bwo kwinjira muri ico gihugu.

Ariko hari ubundi buryo bushobora gukoreshwa kugira ntafatwe n'iyo ngingo, kandi ababuranira Sanchez w'imyaka 29 bariko barita ku rutare u kugerageza gukoresha ubwo buryo kugira ashobore gusanga abandi muri Amerika.

Ariko binuganugwa ko kugira bikunde bifata umwanya munini gusumba uko bavyibaza.

Man Utd bazotangura inkino za kivukanyi zo kwitegurira ihiganwa ry'uyu mwaka mu gukina na Club America yo muri Mexique ku wa gatanu.

Mu nyuma bazokina na San Jose Earthquakes iri mu cicaro cambere muri Amerika y'uburaruko a Canada.

Arsenal: Sanchez yajanywe n'igihe

Usain Bolt yaba agiye gukina umupira w'amaguru muri Australia

Mu nyuma bazokina na AC Milan, Liverpool na Real Madrid mu nkino mpuzamakungu z'imigwi yabaye iya mbere iwabo.

Sanchez ntiyari kumwe n'abandi co kimwe n'abakinyi ba Manchester United bagiye mu gikombe c'isi, igihe bahaguruka bagana Los Angeles ku musi wa mungu, batanguye urugendo bazokinamwo inkino zitanu.

Man Utd yari yashize amafoto ya Sanchez ku rubuga ariko aragira imyimenyerezo ku kibuga c'abo co kwimenyererezako ca Carrington mu ndwi iheze, mu nyuma izindi foto na bagenziwe ziza kugaragara ku musi wa Mungu.

Mubafashe urugendo rw'i Los Angeles harimwo Juan Mata, Ander Harrera n'umukinyi w'inyuma Antonio Valencia.