Liverpool yemeye gutanga amahera yo kugura umunyegoli wa AC Roma, Alisson

. Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Alisson ni we yari mw'igori aho Liverpool yatsinda Roma ibitego 7-6 mu gice ca kabiri gishira ica nyuma mu nkino z'imigwi yabaye iya mbere iwabo

Liverpool yemeye gutanga amahera yo kugura umunyegoli wa AC Roma, umunye Brezil Alisson, bivugwa ko yoba ashika ku miliyoni 62 z'amapawundi, amahera menshi ya mbere azoba atanzwe ku munyegoli.

Roma iriko iravyihweza ariko nta masezerano barashikako kandi ku ruhande rw'abataliyanpo bipfuza imiliyoni 66 z'amapawundi.

Alisson aheruka kuva mu gikombe c'isi mu Burusiya aho yasamiye umugwi wa Brezil.

Uwo mukinyi w'imyaka 25 yari amaze imyaka ibiri muri Roma, akaba yakinye inkino 37 mw'ihiganwa ryo mu Butaliyano mu mwaka uheze, inyuma yo gutangura akazi ko gukina umupira w'amaguru mu mugwi wa Internacional muri Brezil.

Amahera Liverpool yemera gutanga, ashika ku miliyoni 70 z'ama euro, ashobora kuba umuhigo ku banyegoli - uwahahora ukaba wari imiliyoni 53 Juventus yarishe Parma ku munyegoli Gianluigi Buffon mu 2001.

Umunyegoli wa mbere yari amaze kugurwa menshi mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza yaguzwe imiliyoni 40 z'ama euro na Manchester City iyaha Benfica kuri Ederson mu kwezi kwa gatandatu mu 2017.

Vyabaye ngombwa ko umumeyereza wa Liverpool Jurgen Klopp avuganira umunyegoli Loris Karius mu ndwi iheze inyuma yo gukora irindi kosa - mu rukino rwa kivukanyi rwariko rurabahuza na Tranmere.

Uwo mudagi w'imyaka 25 yrakoze ikosa ryatumye uwo mugwi utsinda igitego muri urwo rukino rwarangiye ku ntsinzi ya Liverpool y'ibitego 3-2, ku kibuga ca Prenton Park.

Karius yakoze amakosa abiri mu rukino rwa nyuma rw'imigwi yabaye iya mbere iwabo aho Liverpool yatsinzwe ibitego 3-1, ariko mu nyuma basanze yari yagize ikibazo mu mutwe.

Alisson yakinye inkino zose ko ari zitanu mu gikombe c'isi mu Burusiya, aho Brezil yaviriyemwo mu gice ca kane gishira ica nyuma itsinzwe n'Ububiligi.

Ibindi bisa n’ibi