Urwandiko rwibutsa abashingamateka b'u Burundi ko bajejwe gukingira abana b'igihugu

Indero, Burundi Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption "Abana nk'abo n'abo gukingira, si abo gukumira" (Sojepae)

"Kubuza abana b'abigeme kubandanya kwiga amashure bifuza, kubera ko basamye inda, biteye kubiri n'ibwirizwa nshingiro ry' u Burundi."

Ivyo ni ibiri mu rwandiko rwarungikiwe inama nshingamateka y'u Burundi.

Urwo rwandiko rwerekana ingene ingingo ya leta y'u Burundi yiyamirizwa n'ayo mashirahamwe 5 aharanira agateka k'abakenyezi n'ak'abakobwa, yarenze amategeko y'igihugu, uhereye nko ku ngingo ya 53 y'ibwirizwanshingiro.

Mu gihe, kubw'iyo ngingo, abana bose b'igihugu bafise uburenganzira bungana bwo kwiga, ubushikiranganji bw'inyigisho mu mashure y'intango n'ayisumbuye, bwashinze ko

"Umwana w'umukobwa yiga mu mashure yisumbuye azotwara inda atazosubira kwemererwa kwiga mu mashure ya reta canke ay'abigenga."

Iri tegeko ryafashwe n'ubushikiranganji bw'indero, rivurwa ko n'ibiro vy'umukuru w'igihugu vyoba vyarayiterereyemwo.

Ayandi mategeko avugwako iki?

Amashirahamwe Fenadeb, Sojepae, Apfb, Appdem, hamwe n'ishirahamwe ry'abakenyezi bize amategeko yemeza ko n'amategeko mpuzamakungu akingira agateka k'abana yahonyanzwe.

Banibutsa ko itegeko ryo muri 2016 ryarenzweko mu ngingo za 16, 17 na 18.

Mur'urwo rwandiko, izo ngingo zitatu zitegeka abayobozi b'amashure ko umwana wese yahuye n'ihohoterwa rishingiye ku gitsina ashobora kwiga.

Bibaye ngombwa baranamuhindurira ishure.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abaharanira agateka ka zina muntu banemeza ko hari n'ababononera ubuzima abo bana, bari bajejwe kubakingira.

Kubw'ayo mashirahamwe, ubushikiranganji bw'indero, aho gushira imbere gukingira umwana yagize ingorane, bwafashe inzira yo kumuhambarira.

Asaba inama nshingamateka guhagarika iyo ngingo.

Babona ''Hoshirwa imbere politike yo guha inyigisho abanyeshure no guhana bimwe bikomeye ababashurashuza''.

Ingingo y'umushikiranganji iteye impari yafashwe mu mpera z'ukwezi kwa gatandatu.

Ivuga ko umwana w'umukobwa ashikiwe n'ivyo bibazo, arekuriwe gusa kwiga canke kubandaniriza mu mashure y'imyuga.

Yaba leta y'u Burundi canke inama nshingamateka, ntaco barashikiriza kur'urwo rwandiko.