Perezida Kabila ntiyatomoye ko azokwitoza nk’umukuru w’igihugu

Kongo, Kabila, Katumbi Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abazokwitoreza ikibanza c'umukuru w'igihugu babwirizwa kuba bashikirije ibibaranga hagati y'italiki 25 z'ukw'indwi, na 08 z'ukw'umunani, 2018

Abatavuga rumwe na leta ya Kongo babona ko ijambo Perezida Kabila yashikirije rinyegeje vyinshi bishobora gutera intambara.

Mw'ijambo Perezida Joseph Kabila Kabange yaraye ashikirije aba kongomani - abicishije kubashingamateka babaserukira-, yamenyesheje ko amatora ategekanijwe mu kw'icumi na kabiri atakizoyasivya.

Abatavuga rumwe na leta ya kongo bamaze gutangura kuvuga ko, ukutishura ibibazo nyamukuru, biteye ubwoba igihugu.

Bwana Jean Bosco Barihima ari mu barongoye urunani rw'imigambwe ARC -Alliance pour le Renouveau du Congo- yabwiye BBC ati :

"Twari twiteze ko abwira Kongo n'amakungu ko atazokwitoza, ariko raba ntaco yabivuzeko".

Perezida kabira yaraye yemeje ko azokwubahiriza ibwirizwa nshingiro.

Kubwa Jean Bosco Barihima yahoze ari umushingamateka, inyandiko n'ibivurwa harimwo ivyijiji bifatiye ku gifaransa canditswe mwo ibwirizwa nshingiro rya Kongo.

Ukwikukira kwa Kongo ni umurongo ntarengwa

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Aba kongomani b'i Bunagana bari mubabwirizwa kwigishwa ingene bazotoresha ubuhinga bugezweho bw'imashini, mu gutora.

Mur'iryo jambo nyene, naho yabibwira abashingamateka, yasa n'uwubwira n'amakungu, ayagabisha.

Yavuze ati:

"Nagira nibutse ko abatugirako iterabwoba canke abitwaza ibihano bidafise ifatiro, bitazotubuza kuguma mu nzira ya politike twiciriye".

Perezida Kabila yashikirije iryo jambo, hari abanye politike nka Moise Katumbi na Moussa Nyamwisi bakiri mu buhungiro.

Jean Bosco Barihima yongera ati

"Mumasezerano hagati ya leta n'abo batavuga rumwe yo kuwa 31 z'ukwa cumin a kabiri 2017, twari twumvikanye ko abafungiwe ivya politike barekurwa.

Mwarumvise ko yinumiye kur'ico kibazo". Nka Moise Katumbi ari mu buhungiro mu Bubirigi.

Mugihe aba kongomani basa n'abatewe ubwoba n'ibihe vy'amatora vyegereje, ivyo bibazo bitishuwe mw'ijambo rya Perezida Kabira, "bishobora kuzotuma haduka intambara", nk'uko uyo munye politike abibona.