Abanye Kenya b’i Kibera, akarere ka Nairobi garangwamwo utuzu tw'utururi, bomowe mu vyabo

Kibera, Nairobi Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Kibera, ku 6km uva ku murwa mukuru Nairobi, uyu ari mu bantu baharurwa hagati y'750 000 n'umuliyoni baba mur'ako gasagara.

Amazu ashika ku 13 000 niyo yabomowe n'ubutegetsi bwa Kenya mu gasagara ka Kibera, ahagiye kwubakwa ibarabara.

Abantu ibihumbi baboneka uno munsi barira ko batagifise aho bakika umusaya, inyuma y'aho abategetsi babomoje amazu yabo.

Baboneka bicaye iruhande y'utwo batunze, ahero, igihe ibi mashini vyari bihejeje kubomora amazu yabo.

Izo mashini zatanguye kubomora amazu yo mur'ako gace ka Kibera kuva mu bucagucagu.

Leta ya Kenya yari yabahaye indwi zibiri ngo babe biteguye.

Ikindi bari babwiwe n'uko ata muzibukiro bazoronswa kuko ayo mazu leta ivuga ko yari yubatswe bidaciye mu mategeko.

Amazu yabomowe n'ayo abikorera utwabo, ayabamwo abantu, ndetse n'amashure.

Amashirahamwe aharanira agateka ka muntu yiyamirije iyo nyifato ya leta.

Ishirahamwe mpuza makungu, Amnesty International ryo ryavuze ko ivyo iryo sambura riteye agahinda, kandi ko ritanakurikije amategeko.

Kubw'iryo shirahamwe, yari inkuru y'incamugongo kubona abana bato n'intekera ku mutwe, bomorwa mu vyabo.

Abanyagihugu baba i Kibera bari mubatitivye amatora y'umukuru w'igihugu yo mu 2017.