Igihugu ca Republika y'Intwaro ya Demokrasi ya Congo kimenyesha ko ingwara ya Ebola itakirangwa muri ico gihugu

Uwukekwako ingwara ya Ebola ariko aravurigwa mu bitaro biri ukwavyonyene muri RD Congo

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Uwukekwako ingwara ya Ebola ariko aravurigwa mu bitaro biri ukwavyonyene muri RD Congo

Umushikiranganji w'amagara y'abantu muri Republika y'Intwaro ya Demokrasi ya Congo, Oly Ilunga Kalenga, yamenyesheje ko umugera wa Ebola wari wadutse mu ntara ya Equateur watujijwe inyuma y'imisi 42 ata wanduye.

M'itangazo yashize ku rubuga rwa Twitter, Ilunga yagize ati:"Ndamenyesheje ko kuva uyu musi itariki 24 z'ukwzi kw'indwi mu 2018, umugera wa Ebola utakirangwa mu ntara ya Equateur muri RD Congo."

Iyo ngwara yagaragaye ubwa mbere mu kwezi kwa kane.

Kuva ico gihe, habonetse abantu 54 bagwaye, 33 barapfuye bazize iyo ngwara mu gihe abashika 21 bakize nk'uko uwo mushikiranganji abishikiriza.

Abantu banduye uwo mugera hamwe n'abandi bari gushobora kwandura barahawe urucanco rwariko rurageragezwa.

Bwari bubaye ubugira icenda iyo ngwara ya Ebora itera muri RD congo mu kiringo c'imyaka cumi.

Ahavuye isanamu, WHO