"Ivyo Perezida Trump avuga vyoshobora gucanisha mwo aba ny'Afrika y'epfo'"

Trump, Ramaphosa, Malema

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Cyril Ramaphosa na Kgalema Motlanthe yabaye icegera ca Perezida Zuma, bavugana n'abaserukiye abakurwa mu matongo mu gisagara Johannesburg (Ukwa gatanu 19, 2018)

Leta ya Afrika y'epfo ntiyihanganiye na gato ivyo yise, umugambi wa Trump wo gushaka gucanisha mwo aba ny'Afrika y'epfo.

Abaserukira Leta zunze ubumwe za Amerika muri Afrika y'epfo, batumwe ko vyihuta n'umushikiranganji w'imigenderanire w'ico gihugu Lindiwe Sisulu.

Ibi bikurikiye urwandiko Perezida Trump yanditse mu buryo bwa tweet, avuga ku mugambi wo guhindura ibijanye n'amatongo muri Afrika y'epfo.

Perezida Trump ashaka ko umunyamabanga wa leta ya Amerika Mike Pompeo akurikirana ivyo yise "ifatwa ry'imirima" n' "igandagurwa rirengeje ry'abarimyi-borozi".

Imvo n'imvano

Uru rwandiko rwa Perezida Trump ruje rukurikira akamo katewe n'urunani rw'abaharanira agateka ka muntu 'Afriforum'.

Umwe mu barongoye urwo runani, Kallie Kriel, avuga ko bashima ko leta ya Amerika igabisha ku bijanye n'intwaro ibereye.

Mu kwandikira umunyamabanga wa leta ya Amerika, Pompeo, bafatiye ku vyemezo bari bafise :

umugambwe ANC utwara Afrika y'epfo, ushaka guhindura ibwirizwa nshingiro, ngo abantu bankwe amatongo ata nshumbusho.

Kallie ati, "nta bundi buryo bushoboka atari ugutaka amakungu".

Ku bwiwe, "ubutumwa bwa Trump bunaraba n'ibindi bihugu bicirondera mu ntwaro ibereye".

Atanga akarorero, "ubukene buri muri Venezuela canke ubushomeri buri muri Zimbabwe ntibitera ingorane ivyo bihugu gusa".

Inyishu ya Afrika y'epfo

Mu rwandiko rwiwe, umushikiranganji Sisulu yerekanye ingene urwandiko rwa Perezida Trump "ruteye agahinda".

Yongeye ati, "Birababaje kubona urwo rwandiko rufatiye ku binyoma".

Perezida wa Afrika y'epfo Cyril Ramaphosa we yamenyesheje ko isubiramwo ry'itunganywa ry'amatongo rikenewe ku mvo z'umutekano w'igihugu.

Leta ya Afrika y'epfo yanditse mu buryo bwa tweet ko ivyo Perezida Trump yakoze ari ukworosha no kutabona kure, ibishobora gucanisha mwo abanyagihugu.

Julius Malema, umukuru w'abatavuga rumwe na leta, mu mugambwe EFF, nawe aza yanditse mu buryo bwa tweet aho avuga ko Trump ari "Umubeshi kamere".

Malema yabandanije ati, "Ntidutinya Amerika n'ibindi bihugu vya bulaya bishira imbere igikenye".