Muri Kenya, abapatiri bavyaye abana bagiye kumenyekana

Kenya, Papa Francis, Katolika Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ku ba patiri, ubusugi si i sakaramento gusa, ni indahiro

Ikigo cigenga c'I Nairobi gitunganya ibipimo ry'ubwene kamere k'abantu (DNA) bwatanguye guhimiriza abagore bavyaranye n'aba patiri b'aka katorika ngo bagirishe ivyo bipimo.

Intumbero y'ivyo bipimo ni ukwemeza ko ba se b'abo bana ari abo bagabo b'aba patiri. Ivyo vyasabwe n'ishirahamwe mpuza makungu rya ekereziya katorika.

Haribonekeje abapatiri batari bake barenze ku ndahiro yabo y'ubwerentegerwa, bwo kuvyara, na cane cane ko banaheberanye abo bana, ba nyina babo.

Bamwe mur'abo ba patiri baramaze gushikanwa imbere y'ubutungane.

Abandi ivyabo biracavugirwa mu bwongoshwa.

Mu rubanza rumwe, umu patiri yagirijwe n'ubutungane kuba yaragize uruhara mu rupfu ry'abana b'abahungu babi yavyaye, ngo anyegeze "ivyagiriji".

Haheze iminsi mike cane Papa Francis yandikiye ikete aba katolika mw'isi. Mur'iryo kete, yagiriza aba patiri bakoze ivyaha vyo gushurashuza abagore, n'ibindi bifatiye ku gitsina, mu myaka iheze.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Muri ekeleziya katolika, aba patiri bashaka gushinga izabo ngo banavyare basaba kuva mur'ayo mabanga.

Vatikano nt'iragira ico ivuze ku kibazo c'uko ekeleziya yoba yarasohoye amahera canke ngo ifashe mu bundi buryo abo bana, canke ba nyina babo.

Gushika mu mpera z'umwaka wa 2017, hari umurwi washizweho na Papa Francis ngo wige neza ivyo bibazo vy'abapatiri bagirizwa amakosa afatiye ku gitsina, canke c'abana bavutse ku bapatiri.

Abazokwitaba aka kamo ko kugirisha ibipimo, bazogabanirizwa amahera y'ivyo bipimo.

Ibi bigo vyo muri Kenya bifise iminsi 30 ngo bibe vyashikirije icegeranyo kiri mw'ibanga, ekeleziya katolika no kwa Papa.

Aba nibo bazoshinga ico bazobikoresha.