Ng’ibi ivyosigura ‘ihunga’rya Musenyeri Carlo Maria Vigano

Vigano, Francis, Papa

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Musenyeri Vigano (i bubamfu) w'imyaka 77 yagenywe kuba umunyamabanga mukuru w'intwaro i Vaticano imbere y'uko aja guserukira Papa i Washington, DC (2011-2016)

Musenyeri Carlo Maria Vigano yanaserukiye Papa mu gisagara Washington-DC yahunze.

Musenyeri Carlo Maria Vigano yaheruka gushira ahabona ko Papa Francis yasubiye gukomeza u Musenyeri mukuru wo ku rwego rwa Cardinal.

Uwo musenyeri yagirizwa amakosa yo gushurashuza abantu.

Uku kwinyegeza kwiwe kuvuye ku bwoba bwo kwicwa kuva aho ashikiririje ivyo "bitavurwa", igihe Papa yari kugendera igihugu ca Ireland.

Mu rwandiko rw'impapuro 11, musenyeri Carlo Maria Vigano yavuga ko yabwiye Papa Francis mu 2013, ko Cardinal Theodore McCarrick yagirijwe birengeje amakosa yo gushurashuza aba seminari hamwe n'aba patiri.

Abandanya avuga ko Papa Benedigito XVI yari yategetse ko uwo mu Cardinal McCarrick ava ahabona akaja mu "gisabisho anigaya".

Papa Francis araheza amugarukana mw'iteka n'amabanga, "kandi atari azi ibimwagira".

Ariko, Musenyeri Vigano nta rwandiko yashize ahabona rwemeza ico kiyago yagize na Papa.

Gushika ubu, ntaco Papa yashimye gushikiriza kur'ivyo vyose Musenyeri Vigano avuga.