Ubwongereza bugiye gufasha gukomeza umutekano muri Kenya no mu karere

Theresa May, Kenya, Uhuru

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Theresa May ariko asozera muri Kenya urugendo rwiwe rw'iminsi 3 muri Afrika

Umushikiranganji Theresa May yashimitse ku gutuza amabi aca mu buhinga ngurukana bumenyi, n'umutekano ku mbibe za Kenya no mu karere.

Ubwongereza bugiye kwubaka ikigo gishasha muri Kenya, co kurwanya ubukozi bw'ikibi bufatiye kw'itumanako ry'amakuru mu buhinga bwa none.

Iyo ni imwe mu ngingo zumvikanywe ko hagati y'ivyo bihugu bibiri, mu kurwanya ubukozi bw'ikibi.

Theresa May, umushikiranganji wambere w'ubwongereza yabimenyesheje ahejeje kubonana na perezida Uhuru Kenyatta, mu rugendo arimwo mur'ico gihugu.

Ico kigo kigiye kwubakwa muri Kenya kizoshobora gufasha igipolisi guhagarika nk'amasanamu yerekana abana bahohoterwa, akwiragizwa ku mbuga ngurukana bumenyi.

Ikindi ico kigo kizofasha ni ugufasha kumenya abakwiragiza amasanamu nk'ayo.

Uyo mugambi kandi uzoza wuhira ibindi bikorwa bisanzwe bihari hagati y'ivyo bihugu bibiri.

Akarorero ni nk'umwongereza yashurashuza abana bato bo muri Kenya yafashwe.

Ariko kandi, Ubwongereza bugiye kubandanya bufasha Kenya guteza imbere icungerwa ry'umutekano ku mbibe z'igihugu, no mu gisata c'indege.

Umushikiranganji May yanavuze ko agiye kumenyesha ibijanye n'amahera Ubwongereza bugiye guha ubumwe bwa Afrika, mu gikorwa c'abasirikare mpuzamakungu bari muri Somalia

Umushikiranganji May ariko arasozera urugendo rwiwe rw'iminsi itatu muri Afrika.