Hari Abanyarwanda bari mw'isi batanguje isekeza ryo gufunguruza Diane Rwigara

Paul Kagame, Rwanda, Rwigara Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Diane Rwigara (uri hagati) yari yafatanywe na nyina wiwe hamwe n'umuvukanyi wiwe (wewe yahavuye arekurwa)

Mu gusaba bashimitse u Rwanda n'abarufasha ngo Diane Rwigara afungurwe, hari umurwi w'Abanyarwanda batanguje ukwiyerekana ku mbuga ngurukana bumenyi.

Abo ba Nyarwanda bahurikiye mw'ishirahamwe "African Great Lakes Action Network'' ni bo batanguje iryo sekeza.

Claude Gatebuke arirongoye, yabwiye BBC ko bakuye icirwa ku vyakozwe n'Abanyekenya, ndetse n'abava mu mihingo itandukanye mu gusaba bashimitse ngo umuganda Bobi Wine afungurwe.

Gatebuke yavuze ati:

''Twaragerageje kuvugana na leta y'u Rwanda, baratwihoza".

Mu vyaha Diane Rwigara yagirizwa, harimwo ko yoba yarakoresheje impapuro za magendu igihe yarondera kwiyamamariza ikibanza c'umukuru w'igihugu.

Ubutungane bw'u Rwanda kandi bunamwagiriza guhemukira igihugu hamwe no kudatanga amakori.

Ico caha akaba agikurikiranwako n'abo mu murwango wa se Assinapol Rwigara.

Kubwa Claude Gatebuke, abona ko leta y'u Rwanda ibandanya ishimangira mu makosa irimwo.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Diane Rwigara yabandanije kuja ahabona mu kunegura atarya umunwa ubutegetsi bwa Perezida Paul Kagame

Mu gusigura iryo sekeza ryo ku mbuga ngurukana bumenyi, avuga ati:

''Umuntu ari mu makosa, nta kumurekerana, ahubwo n'ukwama umwibutsa ivyo akora".

Haraheze umwaka Diane Rwigara atavuga rumwe na leta y'u Rwanda ari mu mvuto.

Claude Gatebuke akavuga ko nk'ico cerekana ko ''ubutungane bw'u Rwanda biboneka butigenga".

Diane Rwigara yafashwe igihe yageragezaga kwitoza, yakuwe ku rutonde.