Uganda, ibitero vyo mu 2010 vyoba bibaye 'akamizwe n'ingoma'

Kampala, Fifa, Museveni Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abajejwe umutekano bo muri Uganda batwaye bamwe mu bagirizwa ivyo bitero kwitaba ubutungane

Sentare yo muri Uganda yakuye ivyaha ku bantu batanu bahora bafunzwe bagirizwa ibitero vyabaye hakoreshejwe ama bombe mu gisagara ca Kampala.

Abo bantu 5 bafashwe ubugira kabiri bahejeje kwezwa ivyaha vyose mu kwezi kwa 5 mu 2016.

Leta yamenyesheje ko igihe bari mw'ibohero hagati y'2012 na 2016, abo abo bantu bafatanywe inyandiko zishira imbere iterabwoba.

Abantu bari bashizwe kw'isonga mu bitero vyo mu 2010, bari baciriwe urubanza rwo gufungwa ubuzima bwabo bwose.

Batatu muri abo batanu bavuka muri Kenya.

Sentare yafashe ingingo y'uko baca basubizwa mu gihugu cabo.

Ariko aba baburanira bahakanye iyo ngingo bamenyeshako ku umwe muribo yitwa Omar Awadh Omar atosubizwa yo.

Imvo batanga n'uko umwe mu bavyeyi biwe ari umuganda.

Ibitero vyo mu 2010 mu kwezi kw'7 vyahitanye abantu 76 n'abandi benshi bakomeretse.

Umugwi w'iterabwoba Al Shebab niwo wemeje ko wagize ico gitero.

Ico gitero cabiyahuzi cabereye mu bibanza bibiri bitandukanye abakunzi b'umupira w'amaguru barimwo, bakurikira ihiganwa ry'umupira w'amaguru kw'isi.

Iyo Sentare nta nsiguro yatanze ku catumye ifata iyo ngingo.