Imigwi yo mu Bwongereza itewe umutima uhagaze n'inkurikizi za Brexit kw'igurwa ry'abakinyi i Buraya

Manchester City's Riyad Mahrez Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umunya Algeria Riyad Mahrez yabaye umukinyi wa mbere azimvye wa Manchester City mu ntango ry'iri ci.

Imigwi y'umupira w'amaguru iratewe umutima uhagaze n'ingaruka zijanye n'ukuva kw'Ubwongereza mu muryango wa Buraya (Brexit) ku mahiganwa, ikaba isaba ko hotashirwaho amategeko aremereye mu kuzana abakinyi bo ku mugabane wa Buraya.

Imigwi yahora izana abakinyi batarinze kurondera impusha zo gukora ibakuye mw'ishirahamwe rya European Economic Area (EEA).

Abakinyi bo hanze ya EEA bategerezwa gukwiza ibisabwa n'amategeko kugira baronke uruhusha rwo gukora akazi, nko gukina ku bice 60: mu nkino mpuzamakungu.

Imigwi iri mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza ivuga ko "bari mu biganiro vyiza" kuri ico kibazo.

Baracashaka kuzana abakinyi bakomeye bo ku mugabane wa Buraya mu Bwongereza "mu bwisanzure nk'uko vyahora".

Abategetsi muvyo umupira w'amaguru ntibemera ko amategeko yahora agenga abategetsi bo hanze y'akarere ka EEA ari yo yokurikizwa inyuma ya Brexit.

Ayo mategeko ashobora gutuma nk'umukinyi N'Golo Kante na Riyad Mahrez batabandanya gukina mu Bwongereza.

Umukuru wa Burnley Mike Garlick na mugenzi we Peter Coates bavuga ko Brexit ishobora 'kwononera cane' umupira w'amaguru mu Bwongereza.

Uwuvugira imigwi yo mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza yavuze:"Co kimwe n'ayandi mashirahamwe akoresha abakozi bo ngaha mu gihugu n'abo hanze, turarindirye umwumvikano mwiza wa politike n'ayandi mategeko inyuma y'uko Ubwongereza buzoba buvuye mw'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya.

"Kuronka abakinyi beza bo hirya no hino ku mugabane wa Buraya n'ikintu gikomeye catumye ihiganwa ryo mu Bwongereza ritera imbere, kubera abakinyi bakomakomeye bari muri iryo higanwa bakinana n'abakinyi beza b'Ubwongereza na Irlande.

"Birakenewe ko imigwi yacu ishobora kubandanya kuronka abakinyi ba Buraya nk'uko vyahora.

"Twaragiranye ibiganiro vyiza na reta kubijanye n'uko ari ngombwa imigwi yacu yobandanya kuronka abakinyi ba Buraya, hamwe n'utundi turusho tw'akaranga n'ubutunzi, ihiganwa ry'Ubwongereza ryazaniye ico gihugu.

Umuvugizi wa FA yongeyeko:"Turabandanya gukorana n'imigwi yo mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza, EFL hamwe n'ibisata vya reta muri iki gihe c'ibiganiro."

Ibindi bisa n’ibi