Prezida Magufuli asaba abanyagihugu kwiyamiriza uburyo bwo kuvyara ku rugero

Prezida John Magufuli asaba abanyagihugu kuvyara abana benshi mu gihe ushobora kubarera
Image caption Prezida John Magufuli asaba abanyagihugu kuvyara abana benshi mu gihe ushobora kubarera

Prezida wa Tanzaniya John Magufuli yasavye abanyagihugu kwamirira kure uburyo bukoreshwa bwo kuvyara ku rugero, ivyo bikaba vyotuma ico gihugu kiri mu bifise abantu benshi kw'isi, bagwirirana ku rugero rwotera amakenga.

Ashikiriza ijambo abanyagihugu baguma bamukomera amshi mu mpera z'ino ndwi iheze, Prezida Magufuli yasavye abanya Tanzaniya guhagarika uburyo bwo kugenzura imvyaro n'ikoresha ry'imiti yo kutavyara, asigura ko ari bibi ku buzima bw'igihugu, ko bituma habura abakozi.

Bwana Magufuli asaba abanya Tanzaniya kuvyara abana benshi bashobotse, mu gihe umuntun ashobora kubatunga.

Abakurikiranye amajambo ya Prezida Magufuli, bavuga kw'ivyo yashikirije bishobora kuvuna intege abakorera mu gisata co kugenzura imvyaro, bosanga igikorwa barimwo kibaye impfagusa.

Tanzaniya ni igihugu ca mbere kinini mu karere ka Afrika y'ubuseruko, kikagira igitigiri kinini c'abantu bavuka ku mwaka kw'isi kandi ibice 44% vy'abanyagihugu bakaba bafise imyaka iri munsi ya 15.

Ico gihugu gifise abantu imiliyoni 60 kuva ku miliyoni 10 z'abantu baharuwe igihe co kwikukira mu 1961.

Ibindi bisa n’ibi