Mu Burundi, umurwi CVR uhinduye itunganywa, witezwe ko iki gishasha?

Burundi, Nkurunziza, CVR, amatohoza, ubwicanyi Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Pierre Claver Ndayicariye yatowe kurongora CVR

13 muri 33 bitoje, nibo barundi batowe n'inama nshingamateka, nk'abagize umurwi mushasha w'ukurondera ukuri no kunywanisha abarundi (CVR).

Bwana Pierre Claver Ndayicariye niwe yatowe ngo arongore uwo umurwi.

Uyu mugabo Ndayicariye yar'arongoye umurwi w'abarundi 7 bateguye amatora (CENI), mu 2010 no mu 2015, gushika mu kw'umunani 2018.

Pasitori Ninziza Clément Noé, atorwa nk'icegera ciwe. Uyu yarasanzwe ari no mur'ico kibanza nyene.

Umupfasoni Nzigamasabo Léa Pascasie, yatowe nk'umunyamabanga w'uwo murwi.

Uyu murwi mushasha ushinzwe inyuma y'aho inama nshingamateka yemereje ko wongerwa ikiringo.

Ikiringo ca mbere cosozerewe mu kwa 12 kw'2018.

Igihe c'amatohoza ku mabi yagiye arakorwa mu Burundi, caheruka kwongerezwa.

Hari kuva ku kw'italiki 1-7-1962 (italiki yo kwikukira), gushika 4-12-2008.

Ubu uwo murwi uzohera mu 1885.

Ibibazo nyamukuru bikunze kuvurwa kur'uwu murwi ni nk'ubwigenge, harimwo n'ikibazo c'uburyo bw'amahera n'ubuhinga.

Ingene amatora yagenze.

  • Hahiganwa abarundi 33, mu batorwa mwo kugira uwo murwi: bari abahutu 18, abatutsi 12, n'abatwa 8.
  • Habanza gutorwa mu murwi w'abahutu, hanyuma uw'abatutsi, hanyuma mu batwa.
  • Mubemejwe niho hatorwa mwo umukuru, icegera, hamwe n'umunyamabanga.
  • Abandi bagize uwo murwi -commissaires- ni abahutu 5 abatutsi 4, n'umutwakazi umwe.
Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Aho abanyagihugu bazi hari ivyemezo vy'amabi yakozwe, barabimenyesha uwo murwi ukahashika gutohoza.

Ibindi vyo kumenya.

Uyu murwi uri mu vyapfunditswe mu masezerano y'abarundi ya Arusha (2000).

Washinzwe n'itegeko ry'umukuru w'igihugu ryo kuwa 15 z'ukwa gatanu 2014.

Muri rusangi, uwo murwi nta bubasha bw'uguca imanza ufise.

Ariko ushira ahabona ivyemezo vy'amabi afatiye kuri politike, ubutunzi canke imibano.

Ibi biri mu ngingo ya 6 y'itegeko rigenga uwo murwi.

Mu gihe amabi menshi yahitanye abarundi ahagaze ku bwoko, inkomoko na politike,

n'ibiranga abagize uwo murwi, harashimikwa ko nk'izo ndanga muntu:

Bwana Pierre Claver Ndayicariye aje asubirira Musenyeri Nahimana Jean Louis.

Pierre Claver Ndayicariye ni umuhutu avuka -Bugenyuzi- mu ntara ya Karuzi.

Ninziza Clément Noé ni umututsi avuka -Makamba- mu ntara ya Makamba.

Nzigamasabo Léa Pascasie ni umuhutukazi, yahora ari umucamanza, akavuka I -Marangara- mu ntara ya Ngozi.

Ibindi bisa n’ibi