Ni nde akwiye kuriha "facture" umuhungu n'umukobwa basohotse ubwa mbere?

Anne avuga ko ivyo kuriha "facture" uravye igitsina hari igihe bidasigurika Uwufise ububasha kw’isanamu ANNE RUCCHETTO
Image caption Anne avuga ko ivyo kuriha "facture" uravye igitsina hari igihe bidasigurika

Anne Rucchetto ni umukobwa w'imyaka 27 yandika ibitabu, aba i Toronto mu gihugu ca Canda. Ku biganiro vya "BBC Abagore 100" yaranditse ku bijanye n'uwukwiye kuriha "facture" mu kirabo.

Igihe ntangura gusohokana n'abantu, mama yarankebuye ambwira ko "ata kintu ca gusa kibaho".

"Abagabo bazoguma biyumvira ko hari ico ubaheraniye," niko yavuze.

Ndazi neza ko mama atashaka kuntera ubwoba, ariko ivyo yambwiye naguma ndavyibuka igihe cose mpuye n'umuntu mushasha.

Vyantwaye umwanya ngo nikuremwo ukwo kwumva ko hari ico nkwiye gukorera abagabo bandihiye amadolari 5 y'ikiyeri nyoye, kuva ico gihe ntavyo nasubiye kwiyumvira.

Nk'umukobwa yamye agendana n'abahungu kuva ku myaka 14, narafashe umwanya munini niyumvira nongera mvuga ingene noronka umugenzi mwiza, n'ingene nokwifata ngiye guhura n'umuhungu ubwa mbere.

Muri kino gihe kurondera umuntu musohokana biroroshe kurusha ibindi bihe, uciye ku mbuga hwaniro uhasanga abantu bafise ivyiyumviro vyinshi, barangwa na vyinshi, bafise na kahise utokwibaza.

Ariko none, ni nde akwiye kuriha ivyanyowe n'ivyafunguwe - facture - ku munsi wa mbere wo guhura?

Ni ikibazo cama gituma haduka impari zishushe.

Nama nibaza ivyumvikana ko kugira ngo abagore bafatwe nk'abagabo, ko dukwiye kugabura "facture" n'uwo turi kumwe.

Kugira ntibingore, nsaba ko tuja ahantu hazimbutse nko mu bunywero, mu butambiro, muri "parc" n'ahandi.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Anne yiyumvira ariko ko kuriha amangane bitasigurika

Haraheze imyaka itanu, abagenzi hamwe n'abigisha bazanye ivyiyumviro bituma nsaga uburyo ndavyifatamwo ndabushirako kabaza.

Nacuye nisunga uwuharanira agateka k'abakobwa Gloria Jean Watkins, yatumye niyumvira uwunguka kurusha uwundi hagati y'umuhungu n'umukobwa uravye ingene ingazi z'ubu z'ubuzima zitunganijwe.

We hamwe n'abandi bampatiye ku kwibaza ingene ubushobozi bwifashe ku ngazi zose, gushika no ku bantu bo hasi.

"Abantu baba mu buzima bwo gusohora amahera menshi"

Abantu ntibaronka amahera kumwe mu buzima bwa none, kurivyo bivuye ku muntu mugiye gusangira, ntibikwiye ko mutanga amahera angana.

Muri rusangi, abagore binjiza amahera make ku bagabo.

Muri Canada abagore bari munsi y'abagabo amasenti 69 kw'idolari rimwe abagabo binjiza.

Ariko ivyo ntibisigura ko bituma amahera yo kwibeshaho aba make.

Ukuntu abantu bafata umugore abereye ijisho, usanga bisaba ibintu bihanitse.

Ikibazo ca nde akwiye kuriha ntigikwiye kugarukira mu kugereranya abagabo n'abagore.

Bamwe n'abandi barafise ubuzobere bushingiye ku gitsina, ku butunzi, ku bwoko, ku bwenegihugu n'ibindi vyinshi.

Kungana sico kimwe no gufatwa kimwe. Kungana bisigura ko mwese mwambara ibirato bisa ariko gufatwa kumwe bigasigura ko umwe wese aronka ibirato bimukwiye.

Mu migenderanire myiza abantu bari bakwiye gufatwa kumwe.

Uwufise ububasha kw’isanamu ANNE RUCCHETTO
Image caption Anne amaze umwaka urenga asohokana na mugenziwe Zac

Igihe nasohokana n'umugabo yaguma ahayagiza imodoka yiwe ya "sport" akavuga n'ingene akunda kuja mu ngendo, nibaza ko ahava agabura amahera.

Abo bagabo bahiriwe nibo babwira abagenzi banje ko "mparanira agateka k'abakobwa, ko dukwiye kugabura".

Abagabo bazi ko akazi k'umukobwa kaba ata gaciro kanini gafise, ko bahembwe make vyumvikana.

Nibaza ariko ko mu gihe ninjiza amahera menshi kurusha umugabo twasohokanye, ko vyosa neza tugabuye "facture" canke nkayiriha yose.

Igihe naho mbonye ko umugabo twasohokanye ubwa mbere asa n'uwiyumvira ko hari ico nzoba "ndamuheraniye" arishe, nca nsaba nshimitse kuyiriha nkaba nugaye umuryango w'akaryo ko gusubira kuvugana nawe.

Ivyo ni ivyiyumviro bishaje bibuza umuntu kubona kure, bikamukurako urupfasoni.

"Kugwanya ukutangana"

Ndamaze gusohokana n'abagabo hamwe n'abagore ariko igitangaje nuko iyo nsohokanye n'umukobwa canke uwo tudasangiye igitsina, twama tugwanira kuriha facture.

Ndi kumwe n'umugenzi, Zac, umwaka urenga. Ndamufiseko ivyiyumviro vyiza kuva igihe ambwiriye ko akunda ibikoko, akavuga neza abagenzi biwe, akongera akambwira ico yiyumvira ku bijanye n'uburenganzira bwa muntu mu vy'akazi.

Niwe yarishe "facture" igihe duhura ubwa mbere, nanje ndiha ubwa kabiri.

Muri kino gihe, turasangira kuriha "facture" bivuye ku buryo umuntu yasohotse afise, no mu gihe turamukanya aho tuba.

Bino birashobora guhinduka muri kazoza, ariko twaratoye uburyo bukora neza kuri twese.

Igihambaye nuko twese twumva ko umwe wese yubashwe, ko atawumva ko asuzuguwe canke afashwe nk'igikoresho.

Imibonano ya mbere ni akaryo gato ko kumenya ko abantu badafise uburyo bumwe.

Iyo wipfuza ko muba abagenzi beza, ugerageza gukuraho ibijanye n'ubushobozi mu migenderanire.

Uwuriha igihe c'umubonano wa mbere, ntibikwiye kuba arico ngendegwako mu migenderanire.

Ibindi bisa n’ibi