Kubera iki intwazangabo zine zagirizwa kwica Melchior Ndadaye yari Prezida w'u Burundi zafashwe?

Umuhango wo gushingura Prezida Melchiro Ndadaye mu 1993 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Mw'ijoro ryo ku wa 21/10/1993, umugwi w'abasirikare wagandaguye Prezida Melchior Ndadaye, wa mbere yari yagiye ku butegetsi mu matora ya demokrasi mu Burundi

Mu mpera z'indwi iheze intwazangabo zine zahoze mu gisirikare c'u Burundi zarafashwe zagirizwa kugira uruhara mu rupfu rwa Prezida Melchior Ndadaye.

Naho amazina y'abafashwe ataremezwa, bivugwa ko ari Gen Celestin Ndayisaba (Kibadashi ), Col Gunungu, Col Nahigombeye hamwe na Col Niyonkuru.

Benshi baribaza igituma hoba hari abagifatwa nyuma y'imyaka 25 uwari umukuru w'u Burundi agandaguwe.

Haribazwa kandi igituma hari abofatwa kandi hari urubanza rwaciwe hakagira abapfungwa n'abagirwa abere.

BBC Gahuzamiryango yavuganye na Maitre Fabien Segatwa, umushingwamanza w'umuryango wa Melchior Ndadaye, adusigurira igituma hari abandi bafashwe.

Mw'ijoro ryo ku wa 21 z'ukwa cumi 1993, umugwi w'abasirikare b'u Burundi wafashe umukuru w'igihugu Melchior Ndadaye, wa mbere yari yagiyeho biciye mu matora ya demokrasi, uramugandagura.

Iyicwa ryiwe ryakurikiwe n'ubwicanyi bwo kwihorana hagati y'abahutu n'abatutsi, bwaje kwadukamwo n'ivuka ry'imigwi itandukanye yitwaje ibirwanisho, haduka intambara bivugwa ko yahitanye abarundi bashika ibihumbi 300, abandi benshi barahunga.

Kanda ngaha wumvirize insiguro Maitre Segatwa yahaye BBC Gahuzamiryango

Ibindi bisa n’ibi