Diamond yemeye kuriha amande $3900 ngo abandanye umwuga wiwe

Diamond Platnumz Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/Getty
Image caption Diamond amaze kuburigwa kenshi n'ubutegetsi ku ndirimbo ziwe

Umuririmvyi akomeye wo muri Tanzaniya Diamond Platnumz yemeye kuriha amande y'imiliyoni 9 z'ama Tanzaniya ($3900) kugira ashobora kubandanya aririmba mu gihugu no hanze.

Uwumuserukira mu kazi kiwe yabwiye BBC ko ibiteramo yategekanya mu gihugu ca Kenya no muri Comores bizokogwa ukwo vyari vyarategekanijwe.

Ku munsi wa Gatanu Diamond Platnumz yarasavye ikigongwe ubutegetsi bwa Tanzaniya mu kuba yarenze amategeko mu kuririmba ururirimbo rw'ibiterasoni yari yarihanikijwe.

Ururimbo yabujijwe, Mwanza, rurimwo ijambo "horny", abatamba ukabona umengo bariko bigana abakora amabanga mpuzabitsina.

Ibindi bisa n’ibi