BASATA ivuga ko itararekurira Diamond na Rayvanny gusubira kuvuza

Diamond Platnumz
Image caption BASATA yavuze ko Diamond na mugenziwe Rayvanny bakiri mu gihano

Ikigo kijejwe kugenzura imico kama muri Tanzania, BASATA, cavuze ko kitararekurira abaririmvyi Diamond Platnumz na Rayvanny bahagaritswe kuririmba mu gihugu no hanze yaco mu kurenga amategeko.

Abo baririmvyi bari bitezwe kuremesha ibiteramo mu bihugu vya Kenya, aho baza bashitse, hamwe no muri Comores.

Ku munsi wa Gatanu Diamond na Rayvanny babicishije ku rubuga rwa Instagram, barasohoye videwo basaba ikigongwe.

Munyuma barabonetse mu gisagara ca Nairobi muri Kenya bavuga ko barungikiye ikete ikigo BASATA kandi ko yabarekuriye.

Ico kigo uno munsi cabihakanye, kivuga ko abo baririmvyi babesha.

"Abaririmvyi @diamondplatnumz na mugenziwe Rayvanny ntibararekurigwa igihano bahawe co kutaririmba mu gihugu no hanze mu kuba bariyobagije ivyo bari basabwe vyo kutaririmba ururimbo 'Mwanza" bitewe n'amajambo mabi arimwo".

Uwufise ububasha kw’isanamu TWITTER
Image caption Ubutumwa BASATA yacishije kuri Instagram

Naho basohoye ubwo butumwa, abarongoye BASATA ntibashoboye kuboneka mu gihe telefone ngendanwa zabo zari zugaye.

Ibindi bisa n’ibi