Umumenyeshamakuru akomeye yapfiriye mu gitero ca bombe ca al-Shabab i Mogadishu

Umumenyeshamakuru Awil Dihar Salad Uwufise ububasha kw’isanamu FACEBOOK
Image caption Awil Dihar Salad, abajejwe umutekano babiri n'umushoferi wiwe bapfuye

Umwe mu bamenyeshamakuru bakomeye muri Somalia yapfiriye mu gitero ca bombe cahitanye abarenga 10 i Mogadiscio.

Mu makuru asohoka bivugwa ko Awil Dihar Salad, abajejwe umutekano babiri hamwe n'umushoferi wiwe bapfiriye muri ico gitero ca bombe, yaturikiye kw'ibariyeri hafi y'ingoro y'umukuru w'igihugu.

Icegera ca Buramatari w'intara ari mu bakomerekeye mw'ico gitero.

Hari abandi bantu bakomerekeye mu gitero ca kabiri.

Umugwi ugendera ku vyiyumviro vya Islamu al-Shabab wavuze ko ariwo wagavye ivyo bitero.

Mu makuru yasohowe n'itororokanirizo ry'amakuru Reuters, nimiburiburi abantu 17 bakomerekeye muri ivyo biturika.

Bwana Salad w'imyaka 45, yari umumenyeshamakuru yafashije kunagura itangazamakuru imbere yuko ava mu gihugu mu 2005, akagaruka inyuma y'imyaka myinshi gukora mu mboneshakure Universal TV.

Nkuko bivugwa na BBC y'igisomali, yarabaye i Mogadiscio imyaka myinshi abona ko ibintu biriko biraja mu buryo inyuma y'indyane zihitiye.

Al-Shabab, icuditse na al-Qaeda, yomowe i Mogadiscio mu 2011 ariko iguma igaba ibitero mu gisagara.

Kuva aho Perezida Donald Trump agiriye ku butegetsi muri Amerika, ico gihugu caragavye ibitero vy'indege vyinshi ku bagwanyi b'uwo mugwi.

Mu ntango za kuno kwezi igisirikare ca Amerika cavuze ko cishe abagwanyi 62 mu bitero bitandatu vy'indege.