U Burundi burahakana ingingo yo kugabanya abasirikare 1000 mu nteko zabwo ziri mu mugwi Amisom muri Somalia

Abasirikare b'abarundi bari muri Somalia
Image caption Abasirikare b'abarundi bari muri Somalia

Mw'itangazo ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw'u Burundi bwashikirije abamenyeshamakuru, bwavuze ko ababusaba kugabanya inteko zabwo ku basirikare 1000 batisunze ingingo yapfundikiwe muri Etiyopiya itariki 30/11/2018.

Umuvugizi w'ubwo bushikiranganji Koloneli Floribert Biyereke avuga ko iyo ngingo iri mw'ikete umuryango w'Ubumwe bwa Afrika warungikiye ibiro vya ONU bikorana n'umugwi Amisom muri Somalia.

Mw'iryo kete Ubumwe bwa Afrika busaba ko u Burundi bugabanya abasirikare 1000 ku nteko zabwo, ibiro vya ONU bigafasha ko vyoja mu ngiro itariki 28 Ukwezi kwa Kabiri mu 2019.

Koloneli Biyereke avuga ko iyo ngingo iteye kubiri n'urwandiko rwemejwe mu gihugu ca Etiyopiya itariki 30 Ukwezi kwa 11 mu 2018 na komite mpuzabikorwa y'ibikorwa vya gisirikare muri Somalia "Comité de Coordination des Opérations Militaires en Somalie", yashinze ko abo basirikare 1000 bogabanywa ku nteko z'ibihugu vyose bifise abasirikare muri Somalia.

Uwo muvugizi w'ubushikiranganji bwo kwivuna abansi mu Burundi yavuze ko abasirikare 341 aribo bonyene u Burundi bwogabanya ku nteko zabwo.

Mu kurangiza ubwo bushikiranganji busaba ababijejwe gusubira kwihweza iyo ngingo.

Mu minsi iheze ubutegetsi bw'i Burundi bwaratunganije imyiyerekano mu gisagara ca Bujumbura, yo kwiyamiriza uwurongoye inama y'umuryango w'Ubumwe bwa Afrika, Moussa Faki, buvuga ko ashigikiye ababugwanya.

Ukwo amezi atatu arangiye umuryango w'Ubumwe bwa Afrika butanga imiliyoni 18 z'amadolari ($18m) ku nteko z'abarundi ziri muri Somalia.

Ibindi bisa n’ibi