Jurgen Klopp: Umumenyereza wa Liverpool avuga ko Chelsea na Arsenal igishobora gutwara igikombe

Liverpool iheruka gutwara igikombe ca Premier League mu 1990 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Liverpool iheruka gutwara igikombe ca Premier League mu 1990

Umumenyereza wa Liverpool Jurgen Klopp avuga ko "ata numwe akwiye kwumva ko atekaniwe" mu guhiganigwa igikombe ca Premier League, avuga ko imigwi ya Chelsea na Arsenal ikiri mu yikirondera.

Umugwi wa Klopp uzogera hagati mw'iryo higanwa itariki 26 Ukwezi kwa 12, muri kino gihe ukaba uri mu kibanza ca mbere n'amanota ane imbere y'uwa kabiri.

Chelsea na Arsenal, ni imigwin ya kane na gatanu, ikaba iri ku manota 11 inyuma y'aba Reds, n'inkino 20 isigaje gukina.

Klopp yagize ati: "Ntawukwiye kwumva ko yamaze kuva mw'ihiganwa."

Umugwi wa Klopp utarigera utsindwa mw'ihiganwa ry'uno mwaka, uzokwakira Newcastle United ku munsi wa Gatatu.

Ayo majambo y'uwo mudagi ashikirijwe inyuma yaho umumenyereza wa Tottenham, Mauricio Pochettino avugiye ko Liverpool na Manchester City ariyo migwi "ifise amahirwe" yo gutwara igikombe, inyuma yaho umugwi wiwe utsindiye Everton 6-2 ku kibuga Goodison Park, ku munsi wa Mungu bigatuma ugabanya amanota 2 kuyo warushwa na City.

Klopp yagize ati: "Narabonye urukino rwabo na Everton - bakinye neza - munyuma aba Spurs baraca hirya no hino, ivyo Tottenham yakoze vyaratangaje."

"Ukwo ni kwo bizogenda no ku migwi ya Arsenal na Chelsea.

"Kuri jewe, ntibigeze baba inyuma, ni kubera iki abantu botangara muri kino gihe?

"Imigwi myinshi iri muco umuntu yokwita ihiganwa, ukwo niko bikwiye kuba."

Image caption Ihiganwa rya 2018-19 niryo rya mbere mu myaka 33 ribamwo imigwi itatu ija hejuru y'amanota 40 igihe ca Noweli