Papa Francis: "Ivuka rya Yezu mu bukene rikwiye gutuma abantu biyumvira ubuzima icarico."

Uwo mu Papa w'imyaka 82, ahimabje Noweli ya gatandatu kuva arongoye Ekleziya Gatolika Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Uwo mu Papa w'imyaka 82, ahimabje Noweli ya gatandatu kuva arongoye Ekleziya Gatolika

Papa Francis yasavye abanyagihugu bo mu bihugu biteye imbere, kubaho ubuzima busanzwe budashingiye ku maronko.

Aridogera imanga iri hagati y'abatunzi n'abakene, avuga ko ivukira rya Yezu mu bukene ryari rikwiye gutuma abantu biyumvira ubuzima icarico.

Yashikirije ayo majambo mu nkuka y'imisa yasomeye kuri Bazilika y'Umweranda Petero i Vatikano, ku wa mbere mw'ijoro rishira umunsi mukuru wa Noweli.

Uwo mwungere w'imyaka 82, ahimbaje Noweli ya Gatandatu kuva agiye ku burongozi bwa Ekleziya Gatolika.

Papa Francis asaba ubutungane gukurikirana abakoze amabi

Papa Francis, umukinnyi w'imena wa filime

Mu nsiguro yashikirije, Papa Francis yavuze ko ivuka rya Yezu ryari rikwiye gutuma abantu bafata iyindi ngendo y'ubuzima, atari gucuranwa no gusahura, ariko bakiga gusangira n'abandi no gutanga.

Yabandanije ati: "Reka twibaze: Vyukuri ndakeneye ivyo bintu vyose n'izo nteko zisiga ubwenge kugira ngo mbeho? Nta kuntu nokwirengagiza ivyo bintu vyose bidakenewe nkabaho ubuzima busanzwe?"

"Ku bantu benshi, ubuzima bisigura kugira amaronko n'umusesekara. Ubona ukwikunda kudahera mu mateka y'isi, nubu nico kimwe, ni bake bafungura neza cane, mu gihe benshi babura n'umukate wa minsi yose kugira babeho."

Papa Francis aturuka muri Amerika yepfo, yiyemeje gutanga inyigisho zishingiye ku kibazo c'ubukene ku burongozi bwiwe.

Ibindi bisa n’ibi