Amatora yungururijwe kure mu ntara zimwe zimwe nka Kivu ya Ruguru muri RD Congo

Ikiza ca Ebola n'umutekano muke biri mu vyatumye hafatwa iyo ngingo Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ikiza ca Ebola n'umutekano muke biri mu vyatumye hafatwa iyo ngingo

Mw'itangazo ry'akanama kajejwe amatora ryasohowe kuwa Gatatu, bivugwa ko amatora yungururijwe mu kwezi kwa Gatatu mu duce twa Beni na Butembo, mu ntara ya Kivu ya ruguru; no mu gace ka Yumbi mu ntara ya Mai Ndombe muri Repubulika y'Intwaro rusangi ya Congo (RD Congo).

Akanama kajejwe amatora (CENI) gasigura ko kafashe iyo ngingo kubera ikibazo c'umutekano muke hamwe n'ikiza ca Ebola.

CENI yasohoye n'ikirangaminsi gishasha c'amatora.

Ibitigiri mfatakibanza vy'amatora y'umukuru w'igihugu ategekanijwe itariki 30 Ukwezi kwa 12, bizotangwa itariki 6 Ukwezi kwa Mbere, ibitigiri ntabanduka bitangwe itariki 15 z'Ukwezi kwa Mbere.

Umukuru w'igihugu mushasha azorahizwa itariki 18 z'Ukwezi kwa mbere.

Abasesenguzi mu vya politike baribaza ico amatora yo mu kwezi kwa Gatatu azoba amaze, mu gihe amatora nyamukuru azoba yarangiye mu kwezi kwa Mbere.