Tanzania yasanze impuzu za gisirikare hafi ibihumbi bibiri mu mfashanyo z'impunzi z'Abarundi

Impounzi z'Abarundi muri Tanzania Uwufise ububasha kw’isanamu STEPHANIE AGLIETTI
Image caption Inkambi zo mu ntara ya Kigoma zicumbikiye Abarundi barenga 80.000

Umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu muri Tanzania yategetse ko abakozi batanu bashinzwe ubuyobozi bw'impunzi mu nkambi z'Abarundi za Mtendeli na Nduta, mu ntara ya Kigoma, bahagarikwa ku kazi.

Iryo hagarikwa ry'abayobozi b'amakambi y'impunzi ribaye mu gihe hariko harakorwa amatohoza ku myambaro ya gisirikare yafatiwe muri izo nkambi.

Mu kiganiro yahaye abanyamukuru mu mpera z'indwi ishize mu muji wa Dar es slaam, umushikiranganji w'intwaro yo hagati, Kangi Lugola, yavuze ko iyo myambaro yaturutse mu gihugu c'Ubuyapani.

Ni imyambaro yatanzwe nk'ifashanyo icishwa mw'ishami ry'ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe impunzi, HCR.

Umushikiranganji Kangi Lugola yavuze ko imyambaro 1325 yafatiwe mu nkambi ya Mtendeli naho 622 ifatirwa mu nkambi ya Nduta.

Yavuze ko bamaze kubona ko iyo myambaro ari iya gisirikare, baciye bahagarika kuyitanga.

Bwana Lugola yategetse ko hashingwa umugwi uzakora iperereza, akaba yawuhaye iminsi itarenga icumi ngo uzobe wamushikirije icegeranyo.

Mu bahagaritswe ku kazi, harimwo abayobozi b'ikambi za Nduta na Mtendeli.

Uwo mutegetsi avuga ko ikibazo c'iyo myambaro gishobora kubangamira igikorwa catanguye co gucura impunzi z'Abarundi ku bushake, kuko bishobora gutuma leta y'u Burundi yikeka ko Tanzaniya ifise uruhara mu gufasha imitwe ishaka gutera u Burundi.

Ibinyamakuru vyo muri Tanzaniya bivuga ko iyo myambaro yafashwe mu mpera z'ukwezi kwa cumi na kabiri.

Inkambi za Nduta na Mtendeli zirimo impunzi z'abarundi zigera ku bihumbi 80.

Ibindi kuri iyi nkuru