Bane batawe mu mvuto 'bategura' igitero ku ba Isilamu

Vincent Vetromile, Brian Colaneri na Andrew Crysel (uvuye i bubamfu) hamwe n'umwana w'umuhungu w'imyaka 16 bagirizwa gutegura igitero Uwufise ububasha kw’isanamu GREECE POLICE DEPT
Image caption Vincent Vetromile, Brian Colaneri na Andrew Crysel (uvuye i bubamfu) hamwe n'umwana w'umuhungu w'imyaka 16 bagirizwa gutegura igitero

Abagabo batatu hamwe n'umusore bafashwe bagirizwa gutegura gukora inabi mu gace kabamwo abantu bo mw'idini rya Isilamu muri leta ya New York.

Abo bantu bikekwa bagirizwa gutunga amabombe bikoreye hamwe n'ibigwanisho bicira umuriro, bakaba bategura igitero kuri Islamberg, yatangujwe n'umuvugabutumwa wo muri Pakistani mu myaka y'i 1980.

Uwo mugambi mubi wamenyekanye inyuma yaho umunyeshuli abaregeye.

Ikigwati Islamberg kirahamwa n'abategura ububisha bavuga ko ari ikigwati co kwimenyererezamwo ibikorwa vy'iterabwoba.

Abo bagabo batatu bitezwe kurenguka muri sentare ku munsi wa Gatatu.

Bazwi ku mazina ya Andrew Crysel (imyaka 18), Vincent Vetromile (imyaka 19) na Brian Colaneri (imyaka 20).

Bose bakurikiranwa ku kuba batunze ibigwanisho vyica hamwe no gutegurira hamwe uwo mugambi.

Umuhungu w'imyaka 16 nawe nyene arahamwa n'ivyo vyaha.

Igipolisi kivuga ko batatu muribo bari mu mugwi w'aba "scouts".

Abatohoza bavuga ko uwo mugwi uba mu gisagara ca Greece mu buraruko bushira uburengero bwa leta ya New York.

Bavuga kandi ko wakoze ibisasu biturika bitatu ukoreheje imisumari hamwe n'ibindi bikoresho bitegwa.

Igipolisi cabafatiye iwabo y'uwo musore w'imyaka 16.

Kivuga ko catoye n'ibigwanisho bicira umuriro 23 mu duce dutandukanye.

Umukuru w'igipolisi ca Greece, Patrick Phelan yavuze ko itohoza ryatangujwe inyuma yaho uwo musore w'imyaka 16 ameneye ibanga ku bijanye n'ico gitero ku munsi wa Gatanu kw'ishuli, aganira n'uwundi munyeshuli mugenziwe.

Image caption Ikarata yerekana ikaritiye ya Greece muri leta ya New York

Ikigwati c'abo mu mugwi Islamberg kiri mu burengero bw'imitumba ya Catskill, hafi y'igisagara ca Binghamton.

Abanyamerika bafise amamuko ya Afrika niho bagiye kuba mu kwirinda ubwicanyi n'igwirirana ry'abantu mu gisagara ca New York.

Abanyagihugu bo muri ako gace bavuga ko abo bantu bo muri uwo mugwi ari abantu b'amahoro kandi bakundana, ariko abantu b'intagondwa bavuga ko ico kigwati arico abagwanyi b'intagondwa z'iki Isilamu bimenyererezamwo.

Mu 2017 uwitwa Robert Doggart, aturuka muri Tennessee, yaratawe mu munyororo yagirizwa gutegura guturira umusigiti w'uwo mugwi.

Mu 2015, umugabo wo muri Arizona, John Ritzheimer yateye ubwoba uwo mugwi avuga ko agiye kuwutera yitwaje ibigwanisho.

Ibindi bisa n’ibi