Umupfasoni Germaine Manirariha yashinze inzu y'isomero, canke bibliothèque, y'ibitabo yigenga i Bujumbura

Germaine Manirariha imbere y'isomero yatanguje
Image caption Umupfasoni Germaine Manirariha yatanguje isomero ry'ibitabo ryigenga mu Burundi

Isomero ry'ibitabo ryigenga ryitiriwe Dr Pascal Mukene riri muri karitiye Carama, komine Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura, ryakira abantu 50 buri ndwi, benshi muri bo bakaba ari urwaruka.

Umupfasoni wa nyakwigendera Dr Pascal Mukene, Germaine Manirariha w'imyaka 63 ni we yashinze iryo somero ry'ibitabo.

Avuga ko abarundi bakunze gusoma icupa ariko we ashaka kubigisha umugenzo wo gusoma ibitabo, kandi ko yizeye ko azobishikako.

Uwo mupfasoni avuga ko umucance wiwe yitavye Imana yaregeranije ibitabo vyinshi cane.

Image caption Umuhisi Dr Pascal Mukene bari bubakanye na Germaine, yarakunda cane gusoma ibitabo

Germaine Manirariha avuga ati:"Inyuma y'urupfu rw'umugabo wanje, twariyumviriye ico twokoza iki kibanza, bamwe bampanura ko nohashira ikibanza co gukoreramwo imanza, abandi akabare aho basoma icupa.

"Umwana umwe ni we yasavye ko twogira isomero ry'ibitabo kuko twari dufise vyinshi kandi twese tukaba dukunda gusoma. N'uko iciyumviro co gushinga isomero ry'ibitabo ryitiriwe umucance wanje Dr Pascal Mukene caje."

Ibitabo yabikuye hehe?

Dr Pascal Mukene n'umupfasoni wiwe bahuriye mu mashure mu Buswise, basanga bose bakunda gusoma banabikundisha abana babo.

Germaine avuga ati: "Umugabo wanje yarakunda gusoma cane, nanje nkabikunda. Yarambwira ingene yiga mw'iseminari yahora aja kwigisha abantu bo ku Musaga na Nyakabiga gusoma."

Avuga ko ibitabo bagenda baravyegeranya aho hose baciye ku buryo ubu muri iyo nzu y'isomero harimwo ibirenga 3.000.

Image caption Madamu Germaine avuga ko atunze ibitabo birenga 3000

Uwo mupfasoni avuga kandi ati:" Aho abandi bapfasoni bagiye kw'isoko babonye impuzu nziza batayisiga, jewe ngwana no kuguramwo ibitabo.

"Iyo ngiye mu bindi bihugu, nta kindi kintu ntekera atari isandugu z'ibiro 46 zuzuye ibitabo gusa."

Vyaroroshe kuronka abaza gusoma?

Germaine Manirariha avuga ko mu Burundi abantu benshi, uretse ibikorwa n'iyindi mirimo itandukanye ibuza abantu gusoma ibitabo, hari abakunda gusoma icupa gusumba ibitabo.

Avuga ko iyo nzu yayuguruye mu 2017 mu kwezi kwa kane yibuka imyaka ibiri umucance wiwe yari amaze apfuye.

Mu kiringo c'amezi umunani, yararetse abantu baraza gusoma ku buntu, ariko haza cane cane urwaruka. Abavyeyi hari umwe umwe.

Image caption Umwigisha Hajayandi Léonce (i bubamfu) hamwe n'umuganga Izompa Manifred baje gusoma

Arihisha gute?

. Umwana: amafaranga 2000 ku kwezi na 10.000 ku mwaka

. Abanyeshure mo mu mashure yisumbuye: amafaranga 2000 ku kwezi na 10.000 ku mwaka

. Abantu bakuze: amafaranga y'amarundi 5000 ku kwezi na 12.000 ku mwaka

Abaza gusomera ibitabo muri iyo nyubakwa bayivugako iki?

Benshi mubaza gusoma ibitabo muri iryo somero, higanjemwo abanyeshure barashima ko babapfunyirije urugendo kuko kera bahora barinda kuja mu gisagara hagati ca Bujumbura.

Izompa Manifred amaze imyaka ibiri arangije kaminuza mu gisata c'ubuvuzi ubu akaba ata kazi araronka avuga ati:"Jewe nize ivyo kuvura ariko maze imyaka ibiri ntararonka akazi. Iri somero riramfasha kuguma nagura ubwenge.

"Uretse ko riri hagufi, barihisha n'amahera make kandi barafise n'ibitabo vyinshi nkenerwa."

Image caption Abanyeshuli ba Kaminuza bari mu baja gusoma ibitabo kwa Madamu Germaine

Ornella Munezero na we n'umunyeshure wo muri kaminuza y'i Mwaro ubu ari mu karuhuko avuga ko iryo somero ry'ibitabo ribafasha mu gukoresha neza umwanya hakuyerera.

Avuga ati:"Aha haradufasha gukarisha ubwenge no kutaja kumarigala. Umwanya tuwukoresha neza.

"Abarundi bakunda gusoma icupa, ariko amasomero y'ibitabo nk'aya yokwiragira hirya no hino mu makaratiye, boheza bagahindura ingendo. "

Amasomero y'ibitabo mu Burundi ari ku rushi, ayazwi cane akaba ari ayo abafaransa (IFB), iryo abanyamerika ( American Corner) hamwe n'ikigo c'urwaruka co mu Kamenge (Centre Jeune Kamenge).

Umuco wo gusoma ibitabo nturanyura abarundi benshi aho ibitabo vyinshi ngirakamaro ubisanga mu masoko babitekeza umunyu canke ibiyoba.

Ibindi bisa n’ibi