Abanyeshuli batatu batawe muri yompi ku rupfu rw'umwigisha wabo muri Kenya

Abanyeshuli bari mu kirasi mw'ishuli mu gihugu ca Kenya
Image caption Abanyeshuli bari mu kirasi mw'ishuli mu gihugu ca Kenya

Abanyeshuli batatu bo kw'ishuli ryo mu ntara ya Nakuru mu gihugu ca Kenya batawe mu mvuto bakurikiranwa ku rupfu rw'umwigisha wabo.

Amakuru avuga ko abo bana bo kw'ishuli "Hopewell Secondary School" bacumise imbugita umwigisha wabo, bitewe nuko yabatse telefone ngendanwa zabo.

Icegera c'uwurongoye akarere, Elim Shafi, yemeje ayo makuru BBC, avuga ko uwo mwigisha w'icigwa ca "Physique" yishwe ku munsi wa Kane ku mugoroba.

Yariko araja ku nzu iwe iri mu rugo rw'ishuli, igihe abo banyeshuli batatu bamugabako igitero.

Amagufa yo mu mutwe yaravunaguritse, uwo mutegetsi akavuga ko bishoboka ko yakubiswe ikintu mu mutwe.

Yapfuye amaze gushikanwa mu bitaro.

Igipolisi kivuga ko cataye mu mvuto abo banyeshuli mu ntumbero yo kubasambisha.

Bivugwa ko uwo mwigisha yaheruka kubaka telefone ngendanwa zabo.

Birabujijwe n'amategeko ko abanyeshuli batwara telefone ngendanwa kw'ishuli, mu gihugu ca Kenya.

Bibuzwa kubera bituma abanyeshuli bigenza nabi, bakaniba mu bibazo.

Haravugwa cane ibitero ku bigisha mu gihugu ca Kenya, ivyo bigatera amakenga.

Mu mwaka uheze, abandi banyeshuli batatu barafashwe mu ntara ya Kisumu mu burengero bwa Kenya, bicishije umwigisha umupanga.

Bivugwa ko uwo mwigisha yari yateranye amajambo n'iyo misore bahuriye mu bunywero.

Ibindi bisa n’ibi