I Bujumbura, ku Buterere hari amakenga ku nzu zigiye kubomorwa

Bujumbura, Buterere
Image caption Iyungururiro ryo ku Buterere

Abubatse mu bibanza vyegereye ibinogo biyungurura imicafu vyo ku Buterere mu buraruko bw'igisagara ca Bujumbura, bahawe ukwezi kumwe kugira babe bakinjuye.

Umushikiranganji w'ibidukikije Deo Guide Rurema yababwiye ati, 'Ejo aho bukera tuzozitira iki kibanza cose dukoresheje intsinga".

Yabasiguriye ko, kiretse ko co kibanza ari ica leta, bategerezwa kukivamwo ku mvo z'amagara.

Nta gitigiri kiramenyekana c'abagiye kubomorerwa no kwimurwa, n'aho urwo rubibe rugiye gushirwa.

Igipfungu kivanze amakenga n'akababaro

Mu bagiye kwimurwa, bashikirije amakenga bavuga ko bubatse bahawe ibibanza na Leta, kandi ko babifitiye impapuro.

Bongeye baranegura ingene ku mpande zimwe z'ayo ma tangi, hari ayandi mazu ariko araduzwa kandi yoyo atazobomorwa.

Umushikiranganji w'ibikorwa vya reta Jean Bosco Ntunzwenimana wewe ntahakana ko hatabuze abaronse ayo matongo bayahawe n'inzego z'igihugu.

Ariko yemeza ko abo bose bubatse badafise uruhusha rwo kwubaka.

Uretse ko haboneka ko haciwe amayira yerekana ingene ico kibanza kibwirizwa gutunganywa -'viabilisation'-, abo bashikiranganji ntaco babwiye abahawe ibibanza ku bijanye n'abo mu nzego bayabahaye.

Image caption Zimwe mu nyubakwa ziri mur'ico kibanza

Ati "tugiye kumanika intonde z'abari batanze amafaranga ajanye no gutunganya ibisagara kugira batunganirizwe vuba".

Umwe mu bagiye kubomorerwa yabwiye BBC ko Leta yopfume ibaronderera ahandi kuko bahubatse babanje gufata amadeni mu ma banki.

Imvo n'imvano

Imicafu iyungururwa n'ivyo binogo, iva mu mihana n'amahinguriro atandukanye yo mugisagara ca Bujumbura.

Umushikiranganji Deo Guide yababwiye ati "Dutegerezwa gukora ico tujejwe mu gukingira amagara y'abanyagihugu".

Kuri ivyo binogo uhashitse wakirwa n'umunuko.

Mu kwezi kw'indwi mu 2018, inama nkuru y'umutekano yari yatanze ikiringo c'amezi atatu kugira amazu yose yegereye ibinogo biyungurura imicafu vyo ku buterere azobe yabomowe.

Ico kiringo nticabaye kicubahirizwa kubera impari zabaye nyishi.