Ibinyegezwa ku buzima bw'imibonano mpuzabitsina ya bamwe mu barundikazi

Bahura mu mpisho Uwufise ububasha kw’isanamu Empics
Image caption Ntivyoroshe kuba umu Lesbienne i Burundi

Harashize igihe BBC ivuganye n'Abarundikazi bahuza ibitsina babisangiye -Lesbiennes, kandi itegeko ry'ico gihugu ribifata nk'icaha.

Bavuga ku buzima bwabo bwa buri munsi, n'uburyo bakoresha ibimenyetso bo nyene ubwabo bazi hagati yabo haba mu kuvugana canke ku mbuga hwaniro.

Amasanamu yabo ntiyerekanywe ku mvo z'umutekano wabo, kandi abanyamakuru ba BBC bahinduye amabara basanzwe bakoresha.

Image caption Bahura mu mpisho

Bahura buri kwezi, mu bibanza bitandukanye.

Rimwe na rimwe haba ari mu bibanza bihurirmwo abandi bantu benshi, ariko akenshi bariherera ukwabo.

Abenshi muri bo baba bambaye amapataro ya jinisi n'udupira tw'amabara atandukanye.

Utwo dupira tuba duhambaye kuko tubako ibicapo canke ivyandiko bifise ico bivuga kuri umwe wese muri bo.

Ni nko ibintu baba bazinanyemwo, ikimenyetso c'ico bari n'ubwigenge biyumvamwo.

Kandi ivyo nibo bonyene babizi.

Utabizi ushobora kubafata nk'abagenzi bibereye kwinezereza muri Park, nk'uko vyoba mu gihugu ico arico cose.

Ariko ni mu Burundi, aho guhuza ibitsina ku babisangiye bihanwa n'amategeko

Abo bagore, usanga bari mu myaka yo hagati ya za 20 na 30 , ntibaba bamaze igihe kinini bazinanye.

Nella n'umwe muri bo.

Avuga ko bari kuba bagowe iyo abantu baba bazi ico bari.

Avuga ko bashobora gucibwa amafranga, canke ababo bakavuma, ariko ngo ikinini kurusha ibindi bibi n'uko bashobora no kwicwa.

Image caption Nella yari afise umuryango n'ubwo ari Lesbienne

Nella yama arungikira amafoto BBC mw'ibanga

Harimwo isanamu imwerekana yicaye ku ntebe ari kumwe n'abana iruhande.

Yanditse ko abana biwe bari munsi y'imyaka 10

Nella nawe yambaye umwitwikiro.

Hari iyindi foto imwerekana yambaye jeans n'agapira.

Ako gapira niko yari yambaye muri Park ari kumwe n'abandi bagore.

Imishatsi yiwe irapfunguye, igera mu bitugu. Abumbatiye uwundi mugore afise ibisuko biryamye ku mutwe, bose bari mu gatwengo.

Yandika ko uwo ari umukunzi wiwe, ati "Mubona tutaberewe?"

Image caption Nella yama arungikira amafoto BBC

Avuga ko bahujwe n'urubuga rwa internet kandi imigenderanire yabo ikiri mishasha.

Ngo baranezerewe.

Umryango wiwe mugabo ivyo ntavyo uzi, mu kubonana n'uwo mukunzi wiwe arihisha, kugira ntahure n'uwoba amuzi.

Ariko rero azi ko ata n'uwomumenya kuko iyo agiye kumuraba akura umwitwikiro asanzwe yambara muhira.

Nella yari afise imyaka 17 igihe yatangura gukunda umukobwa nka we.

Bahurira muri sport, kandi yarayikunda kuva kera.

Mubisanzwe ngo ntibashotse baba abakunzi ariko Nella yarumvise ko akunda abakobwa bidasanzwe.

Image caption Burundi

Ikindi kandi ngo yari azi ko adashobora kubibwira umuntu n'umwe.

Yavuka mu muryango ushimikira cane ku migenzo ya kera kandi w'aba isilamu, rero kuresha ntivyabaho, icibagiwe co ni ukuresha abo basangiye igiitsina.

Nella yavukiye i Bujumbura, mu mugwa mukuru w'Uburundi, igihugu gikenye kurusha ibind mu karere k'ibiyaga binini, cananiwe kuronka amahoro kuva intambara ihavuye mu 2005, iyo kivuzwe mu makungu, haba ari kubera ivyo bibazo vy'intambara n'ubukene.

Ariko Nella avuga ko ibimuraba bitagira aho bigarukira, ngo bisa nk'aho abantu bafise icizere, indoto, urukundo n'ivyifuzo badafise ikibanza mu Burundi.

Nella yamye yifuza igihe cose kuja muri kaminuza kuva mu 2010, ariko umuryango wiwe washaka ko aja ku mugabo kuko utabona akamaro kiwe ko kwiga.

Umuryango wiwe wamuhatiye kuja ku mugabo amuruta afise imyaka 20 gusa.

Ntashaka kuvuga vyinshi kuri ubwo buzima, yabayemwo gushika mu 2016.

Avuga ko mu nyuma yahavuye avana n'umugabo agasubira mu muryango n'abana biwe babiri.

Yahavuye akoresha imbuga hwaniro mu kumenyana n'abandi bagenzi basangiye ikibazo.

Uko niko vyagendeye na Niya nawe yahavuye amenya ko akunda abakobwa nka we kurusha abagabo.

Ariko ntiyabona neza aho ashobora gutora abandi bakobwa nka we.

Gusa yari azi ko bagomba kuba bahari.

Ngo yarakoresha ibimenyetso kenshi mw'ibanga.

Nella na Niya si bo bonyene basanze bari muri uwo muce w'abakobwa bakunda abandi mu Burundi, na Leila vyaramushikiye ku myaka 17.

Image caption Abahuza ibitsina babisangiye akenshi bahura bihishe

Nella, Naya na Leila bahora bahura kenshi ariko barihisha.

Kuba umu 'lesbienne' mu Burundi, uretse ko bitari bihuye n'umuco waho, bishobora gutuma umuntu agirirwa nabi kuko amategeko abibuza.

Ibindi kuri iyi nkuru