Ishirahamwe mpuzamakungu ryiyamirije Misiri nyuma yo kunyonga abantu 15 muri uku kwezi

Abagirizwa gushinga umutwe wagandaguye umushinjaca wa republika, Hesham Barakat, bari mu rubanza i Cairo itariki 17/06/2017 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abanyonzwe ejo barimwo abagirizwa kugandagura umushingacaha wa republika, Hesham Barakat

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryiyamirije Misiri nyuma y'inyongwa ry'abantu 15 muri kuno kwezi, ONU ikavuga ko imanza zabo zishobora kuba zari iza ngondagondwe.

ONU kandi ivuga ko ukwemara icaha kwabo kwoba kwarabonetse abo bantu babanje kuborezwa igufa.

Ku munsi w'ejo wa kane Misiri yanyonze abagabo icenda bakiri bato bahamijwe icaha co kwica umushinjacaha wa republika, Hesham Barakat, mu 2015.

Abandi bantu batandatu muri abo, banyonzwe bahamwe n'ivyaha bijanye n'urundi rubanza.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umushinjacaha wa republika, Hesham Barakat, yagandaguwe mu 2015

Umuvugizi w'ikigo Human Rights Office gifise icicaro i Geneve, Rupert Colville, yahamahagariye Misiri guhagarika ibikorwa vyose vyo kunyonga abanyororo gushika habaye itohoza ku vyagiriji vyo kuboreza igufa.

Umwe mu bagabo banyonzwe kuwa kane, Mahmoud al-Ahmadi, yafashwe video abwira umucamanza igihe yumvirizwa ati: "Twashizwe ku muyagankuba inshuro nyinshi ku buryo dushobora kuronsa Misiri amatara imyaka 20."

Ibindi bisa n’ibi