Umwigisha wo muri Tanzaniya yaciriwe igihano c'urupfu anyonzwe kubera kwica umunyeshure

Tanzaniya yaheruka guca urubanza rw'ugupfa mu mwaka wa 1994
Image caption Tanzaniya yaheruka guca urubanza rw'ugupfa mu mwaka wa 1994

Sentare yo mu gihugu ca Tanzaniya yaciriye igihano c'urupfu umwigisha w'imyaka 51 y'amavuko kubera yakubise umwana w'umunyeshure w'imyaka 14 gushika asandabe.

Sentare yemeje ko Respicius Mtazangira yakubise inkoni Sperius Eradius kw'ishure ryo mu gisagara ca Bukoba mu buraruko bushira uburengero bwa Tanzaniya.

Ivyo vyabaye mu kwezi kw'umunani kw'umwaka uheze wa 2018, aho uwo mwigisha Mtazangira yagirije uyo mwana ko yivye agasakoshi kari kabuzwe irengero.

Uyo mwana Sperius yarahakanye ivyo yagirizwa ariko Mtazangira yabandanije amukubita.

Mu rubanza rwaciwe ejo ku munsi wa gatatu, umucamanza wa sentare nkuru, Lameck Mlacha, yaremeje ko Mtazangira yakoze icaha c'ubwicanyi, ariko umwigisha mugenziwe, Heriet Gerald yambikwa izera.

Mu vyabona icenda batanze ibirego, harimwo abana b'abanyeshure.

Icegeranyo co kwa muganga catanzwe mu butungane cerekanye ko uyo mwana yishwe n'inkoni.

Ibimenyeshamakuru vyo hagati mu gihugu bitangaza ko uwuburanira Mtazangira yoba yamenyesheje ko ashobora kwunguruza urubanza.

Tanzaniya yaheruka guca urubanza rw'ugupfa mu mwaka wa 1994.

Mu mwaka wa 2017, umukuru w'ico gihugu, John Magufuli, yari yavuze ko adashigikiye igihano c'urupfu.

Yavuze ati: "Ndazi ko hari abantu bagiriwe n'icaha c'ukwica barindiriye ibihano vy'urupfu, ariko ndabasavye ntimuzonzanire urutonde rwabo ngo mfate ingingo kuko ndazi ingene bigoye kurushira mu ngiro".

Ibindi bisa n’ibi