Umurwi wa Tottenham ntiworohewe mw'ihiganwa ry'umupira w'amaguru mu Bwongereza

James Ward-Prowse niwe yinjije igitinso ca kabiri cahaye intsinzi Southampton Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption James Ward-Prowse niwe yinjije igitinso ca kabiri cahaye intsinzi Southampton

Mu gihe umurwi wa Manchester City uguma utera intambwe mu kibanza ca mbere mw'ihiganwa ry'umupira w'amaguru mu Bwongereza, Tottenham yoyo ibintu bigenda biyihindukana kuvyo itari yiteze.

Gushika ubu iracari mu kibanza ca gatatu, ariko uravye ingene imirwi iri inyuma yayo igenda iyisatira, amahirwe yo kuguma muri ico kibanza, canke mbere muri zine za mbere agenda aja muri kabaza.

Imirwi ya Manchester United, Arsenal na Chelsea, irasatiriye bikomeye uyo murwi wa Tottenham, mbere uravye nabi urashobora gusanga watakaje ikibanza cawo ca gatatu, mbere n'ica kane, gutyo ntishobore kuja mw'ihiganwa rya Champion's League mu mwaka uza.

Mu rukino rw'uno musi ku wa Mungu, Tottenham irahakwa, n'aho ishobora kugumana ikibanza ca gatatu.

Mu gihe Manchester United, abenshi babona ko yariye amavubi muri ino minsi, yoramuka itsinze umurwi wa Arsenal biboneka ko ibintu bitameze neza cane, yoca inganya amanota na Tottenham, bagaca baraba iyisumvya ibitsindo iyindi.

Tottenham iriko irasatirwa na Manchester United yasumvya amanota 13 yose gushika ku wa 16 z'ukwa cumi na kabiri kw'umwaka uheze, mu gihe umumenyereza Jose Mourinho yirukanwa agasubirizwa na Ole Gunnar Solskjaer .

Uyo mumenyereza yashitse ahindura ibintu ku buryo Manchester United iri mu mirwi ihagaze neza kandi iteye ubwoba imirwi myinshi.

Ariko mu gihe Arsenal yovyifatamwo neza igatsinda urwo rukino, canke iyo mirwi yompi ikanganya, aho Tottenham umutima wosubira mu nda kuko ica iguma muri ico kibanza ca gatatu yo nyene.

Ariko rero na Chelsea ntivyorosha kuko yoyo isanzwe ifise inkino zibiri, mu gihe wozitsinda zose, woca uja imbere ya Tottenham.

Tottenham ntitahura ivyayishikiye mu rukino rw'ejo ku wa gatandatu yari yiteze ko itsinda.

Mauricio Pochettino amenyereza uwo murwi yavuze ati: "Biragoye gutahura ukungene vyagiye kutwankira mu gice ca kabiri".

"Mu gice ca kabiri ntitwavyifashemwo neza, si ndiko ndagiriza umuntu n'umwe, ariko iyo utsinzwe mu rukino wari ufise mu minwe mu minota 45 ya mbere- mbere washobora gutsinda ibitsindo bitatu canke bine ku busa-ariko rugahera utsinzwe 2-1, biragoye kwemera".

Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Pochettino ntiyumva ivyashikiye umurwi wiwe

Tottenham niyo yatanguye kwinjiza ku munota wa 26 ku gitsindo cinjijwe na Hary Kane.

Ariko ibintu vyahindutse mu mpera z'urukino, aho mu minota itanu gusa Southampton yari yinjiie ibitsindo 2, ica mbere ku munota wa 76, ica kabiri ku wa 81, urukino rurinda ruhera biri uko!

Jermaine Jenas, yahoze akina hagati mu murwi Tottenham, abona ko uwo murwi wafashe minenerwe urwo rukino.

Avuga ati: "Mu gice ca kabiri, nabonye ko Tottenham bafashe minenerwe urwo rukino rwari rukomeye muri kino gihe ihiganwa rigeze aho rigeze".

Mu zindi nkino zitegekanijwe mu Bwongereza kuri uyu wa Mungu, hampande y'urukino rurindiriwe cane hagati ya Arsenal na Machester United, Liverpool iza ubwa kabiri inyuma ya Manchester City iza kwakira umurwi wa Burnley, mu gihe Chelsea nayo iza kwakira Wolverhampton Wanderers.