Kardinali George Pell wo muri Australia yapfunzwe kubera ihohotera ry'abana rifatiye ku gitsina

George Pell niwe wa mbere mu bategetsi ba Ekleziya Katolika atsinzwe n'urubanza rw'ihohotera rifatiye ku gitsina rikorerwa abana Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption George Pell niwe wa mbere mu bategetsi ba Ekleziya Katolika atsinzwe n'urubanza rw'ihohotera rifatiye ku gitsina rikorerwa abana

Kardinali George Pell wo mu gihugu ca Australia yaciriwe umunyororo w'imyaka itandatu kubera icaha c'ihohotera rifatiye ku gitsina yakoreye abana babiri b'abahungu muri ico gihugu.

Uyo kardinali yahoze ari umunyabigega i Vaticano, ni we wa mbere mu bategetsi ba Ekleziya Katolika afashwe n'urubanza rw'ihohotera rifatiye ku gitsina rikorerwa abana.

Mu kwezi kw'icumi na kabiri kw'umwaka uheze, sentare yaremeje ko Pell yakoze icaha c'ugufata ku nguvu umwana ari munsi y'imyaka 16, hamwe n'ivyaha bine vy'inyifato itabereye imbere y'umwana ari munsi y'imyaka 16.

Abashikirizamanza bavuze ko Pell yahohoteye abo bana b'abahungu inyuma y'imisa kw'isengero nkuru yitiriwe umweranda Patrick (St Patrick's Cathedral) mu mwaka wa 1996, mu gihe yari musenyeri mukuru w'iyo katederali ya Melbourne.

Sentare yabwiwe ko Pell ko yagirije abo bana b'abahungu ko banyoye umuvinyu w'isakaramentu, ababwira ko bishize mu ngorane, aca ategeka umwe umwe ko bakorana ibiterasoni.

Yamwagirije kandi ko yasubiriye guhohotera umwe muri abo bana b'abahungu mu mwaka wa 1997.

Uko urubanza rwasomwe

Asomera urwo rubanza Pell uno musi ku wa gatatu, umucamanza Peter Kidd yamenyesheje ko uyo mutegetsi wa Ekleziya yakoreye "abana babiri icaha gikomeye kandi kigayitse c'ihohotera rifatiye ku gitsina".

Umucamanza Kidd yavuze ati: "Waragize inyifato igayitse".

Avuga ko ivyaha vyakozwe na Pell ari ivy'agahomerabunwa kandi ko yabikoze kubera ubutegetsi yari afise.

Uyo mucamanza ari imbere ya sentare yo mu gace ka Victoria yabwiye Pell ati: " Wari musenyeri mukuru w'isengero nkuru yitiriwe umweranda Patrick - ico kirakomeye - hanyuma uca uhohotera abana b'abahungu babiri bari mu murwi w'abaririmvyi kuri iyo sengero nkuru".

"Wanabwiye umwe mu bo wahohoteye ko yonuma kuko yariko ararira".

Uyo mucamanza yavuze ko yaciriye igihano Pell yisunze imyaka afise n'amagara yiwe.

Avuga ko icaha kimwe kimwe mu vyaha bitanu yagirizwa gihanishwa umunyororo w'ugushika ku myaka icumi.

Ubucamanza bwumvirije umwe muri abo bahohotewe, kuko uwundi yapyuye mu mwaka wa 2014 ahitanywe n'ibiyayuramutwe.

Uyo kardinali w'imyaka 77 y'amavuko yahakanye ivyo yagirizwa avuga ko ari umwere, aca anunguruza urubanza.

Ingene urubanza rwakiriwe

Umwe mu bahohotewe na Pell akiriho - izina ryiwe ridashobora gutangazwa- yakiriye neza ingene urwo rubanza rwaciwe, ariko avuga ko bigoye "guhozwa n'iyo ngingo" mu gihe uyo mutegetsi muri Ekleziya yiteze kwunguruza urubanza.

Avuga ati : "Ntaco mbona compumuriza. Vyose vyononywe n'uko agiye kwunguruza".

Nayo se w'uwahohotewe yitavye Imana avuga ko atishimiye ingene urwo rubanza rwaciwe, ariko akavuga ko anezerejwe n'ukubona Pell apfunzwe.

Yabwiye abamenyeshamakuru ati: "Namwihweje asohoka ava muri sentare nca nibwira nti: 'Vyoba n'ivyo, muri iri joro ndaryama mu gitanda canje, wewe uryama he?'"

Abunganirizi ba Pell bamenyesha ko urwo rubanza "rutabereye" kuko ngo rwaciwe hisunzwe gusa ibirego vyatanzwe n'umwe mu bahohotewe.

Bavuga kandi ko Pell yankiwe kwiregura kuvyo yagirizwa imbere y'abacamanza, bakavuga ko yari gutegerezwa kwumvirizwa.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Pell yari mu bahanuzi bakuru ba Papa Francis

Urwo rubanza rwarahungabanije Ekleziya Katolika yakoreye nk'umwe mu bigeze kuba ari abahanuzi bakuru ba Papa Francis.

Mu kwezi kwa kabiri guheze, Vaticano yari yamenyesheje ko urubanza rwa Pell ari "inkuru y'incamugongo" kandi "ibabaje benshi".

Abategetsi ba Vaticano bavuga ko yari yahagaritswe kurongora imisa kandi ko yari yanirukanywe mu bari begereye Papa mu kwezi kwa cumi na kabiri k'umwaka uheze.

Pell azoshobora kugira uburenganzira bw'ukurekurwa vy'agateganyo inyuma y'imyaka itatu n'amezi umunani bivanye n'inyifato agize. Azosubira kwumvirizwa mu kwezi kwa gatandatu mu rubanza yunguruje.