ONU ivuga ko kudahana bigiteye ikibazo mu Burundi
Ntibishobora gukina mu cuma cawe

ONU ivuga ko kudahana bigiteye ikibazo mu Burundi, ariko leta ntiyemeranya nayo

ONU ivuga ko kudahana bigiteye ikibazo mu Burundi, cana cane muri iki gihe himirije amatora aho hariko haratozwa amafaranga azokoreshwa muri ayo matora.

Umugwi wa ONU ujejwe itohoza ku bijanye n'agateka ka zina muntu mu Burundi uvuga ko ayo mahera atozwa ku gahato, abatayatanze bakimwa ubufasha burimwo kuvuzwa.

Ivyo vyatangarijwe i Geneve muri ino ndwi imbere y'akanama ka ONU kajejwe uburenganzira bwa kiremwa muntu nyuma y'iperereza bakoze mu Burundi.

Ivyo ariko leta y'u Burundi irabihakana ikavuga ko ico gikorwa kiba ku gushaka kwa buri mu nyagihugu.

Leta y'u Burundi ivuga kandi ko uwo mugwi wa ONU ukoreshwa na bimwe mu bihugu vya Buraya bidashakira ineza u Burundi.

Francoise Hampson ni umwe mubagize uwo mugwi, akaba yavuganye na Prudent Nsengiyumva.

Ico kiganiro caciye mu makuru ya BBC Gahuzamiryango ushobora kugikirikirana aho hejuru.