Indwara ya kolera iravugwa muri Mozambike inyuma y'igihuhusi Idai

Abantu ibihumbi n'ibihumbi baracarindiriye ababafasha aho bugaraniwe n'imyuzurira mu karere ka Afrika y'ubumanuko Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abantu ibihumbi n'ibihumbi baracarindiriye ababafasha aho bugaraniwe n'imyuzurira mu karere ka Afrika y'ubumanuko

Ishirahamwe ritabara imbabare kw'isi, Federation Internationale de la Croix Rouge et du Croissant Rouge (IFRC), rivuga ko indwara ya korera iriko yibonekeza inyuma y'indwi ikivuko ca Beira mu gihugu ca Mozambike gihuye n'igihuhusi Idai.

Ishirahamwe IFRC riragabisha ko hashobora kuba n' izindi ndwara z'ivyaduka, rikamenyesha ko n'ibiharuro vy'abarwaye malaria bigenda vyiyongera.

Mw'itanganzo iryo shirahamwe ryasohoye rivuga riti: " Hari ubwoba bwinshi bw'abariko batabara ko hashobora kwaduga indwara z'ivyaduka".

"Ubu hari amakuru ko indwara ya korera yadutse mu gisagara ca Beira hampande y'ibiharuro vy'abarwayyi ba malaria biguma vyiyongera mu banyagihugu bacugaranywe n'imyuzurira".

Indwara ya korera isanzwe ari akaranda muri ico gihugu ca Mozambike iva kw'isuku rike kubera amazi acafuye, ikaba ishobora kwica mu masaha makeya mu gihe itavuwe hakiri kare.

Henrietta Fore arongoye ishirahamwe Unicef ubu akaba ari muri Mozambique yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP ko hari ingorane z'amazi adatemba, imivyimba igenda ibora n'isuku rike.

Avuga ati: " Umwanya uriko uratujana, ni ibintu bitoroshe". Amenyesha ko icihutirwa ubu ari isuku be n'ukuronsa abanyagihugu amazi meza.

Ku ruhande rwiwe, Elhadj As Sy arongoye ishirahamwe IFRC, avuga ko ibintu biteye ubwoba muri ico gisagara ca Beira cabamwo abantu bashika ibihumbi 500.

Avuga ati: "Ntitwokwirengagiza ko ari ikiza cateye abantu n'imibereho yabo". Imiryango ibihumbi n'ibihumbi yaratakaje ibintu vyose, abana babura abavyeyi, amashure n'amavuriro birasambuka.

Umuvugizi w'ishami rya ONU rijejwe imfungurwa kw'isi, PAM, avuga ko imfashanyo yatevye gutangura gutangwa, agashima ariko ko ubu iriko iratangwa.

Yongera ko ariko ati: "Ntiturashika aho twipfuza".

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryaratanze imiliyoni 20 z'amadolari mu mfashanyo yihuta, ku munsi w'ejo ku wa gatanu, nayo umunyamabanga mukuru waryo akaba yarateye akamo ko amakungu yofasha.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Amazi y'inzuzi yararengewe atera imyuzurire mu bice vyinshi vy'igisagara ca Beira

Igihuhusi Idai cashitse mu micungararo y'igisagara ca Beira ku wa 14 z'uku kwezi kwa gatatu, gifise umuvuduko w'ibirometero 177 kw'isaha.

Cahitanye ubuzima bw'abantu 557 mu bihugu vya Mozambique, Zimbabwe na Malawi, ariko ivyo biharuro bishobora kwiyongera.

Amashirahamwe ajejwe gutabara avuga ko igihugu ca Mozambike arico casinzikajwe n'imyuzurira y'inzuzi ziva mu bihugu bibanyi.

Ishirahamwe ONU rivuga ko abantu hafi ibihumbi 65 baba mu bibanza ijana vyateguwe, abenshi muri bo bakaba bari "mu bibazo bitoroshe".

Hari abantu bivugwa ko gushika ubu batararonswa utwo bahereza umunwa, muri bo hakaba hari abacinyegeje mu biti no ku mazu.

Abajejwe gutabara babandanya batanga imfashanyo buke buke, ariko bakavuga ko ari igikorwa kitoroshe kubera hari ibice bimwe bimwe bitoroshe gushikayo mu gihe hari ubukenye bw'indege za kajugujugu.

Bivugwa ko abantu bashika hafi umuliyoni umwe n'ibice indwi bari mu ngorane mu karere ka Afrika y'ubumanuko, aho ata muyagankuba n'amazi meza bafise kubera ico gihuhusi, canasambuye kandi n'amabarabara.

Ibindi bisa n’ibi